Mpox ntirahera mu Burundi inyuma y'amezi atandatu yadutse

Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe amagara y'abantu, Lidwine Baradahana, mu nama yo kuraba ahageze igikorwa co kurwanya Mpox inyuma y'amezi atandatu iteye, Gitega ku wa 22 Nzero 2025
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'amagara y'abantu avuga ko urugamba rwo kurwanya iyo ndwara rwashitse ku ntambwe zifadika
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Bubaye ubwa mbere mu mezi atandatu kuva indwara ya Mpox iteye mu Burundi, vyatangajwe ko hari umuntu yahitanye. Vyatangajwe mu nama y'abafatanya kurwanya ico kiza mu gihugu yabereye ku murwa mukuru wa poritike Gitega.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu Lidwine Baradahana ntiyavuze ryari uwo muntu yapfuye n'aho yapfiriye.

Indwara ya Mpox yatangajwe ko ari ikiza cateye mu Burundi n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu ku wa 25 Mukakaro mu 2024.

Inyuma y'amezi atandatu iyo ndwara iteye, umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu Baradahana yavuze ko gushika ku wa 19 Nzero (uku kwezi kwa mbere), hari abantu:

  • 1 yahitanywe n'iyo ndwara
  • 3236 bamenyekanye mu gihugu cose ko banduye iyo ndwara
  • 207 bari mu bitaro bariko baravurwa
  • 3029 baravuwe barakira

Mu bitaro mpuzantara vy'i Gitega harwariye abantu 8 barwiriyemwo abakora akazi k'imibonano mpuzabitsina, nk'uko vyashikirijwe na Venant Manirambona, buramatari w'iyo ntara.

Umushikiranganji w'amagara y'abantu avuga ko urugamba rwo kurwanya iyo ndwara rwashitse ku ntambwe zifadika.

Ku burere bw'ubuvuzi 46 bwari bwibonekejemwo indwara y'ibihara vy'inkende, aho isigaye irangwa ni muri 15.

Aho iyo ndwara ikiri nyinshi ni mu turere dutanu na cane cane mu bisagara vya Bujumbura na Gitega n'imicungararo yavyo.

Bamwe mu bari bitavye inama y'i Gitega, ku wa 22 Nzero 2025
Insiguro y'isanamu, Amakungu y'ukuntu Mpox ihagaze mu Burundi yatangarijwe mu nama y'abafatanya kurwanya ico kiza mu gihugu yabereye ku murwa mukuru wa poritike, Gitega

Kubera iki indwara itaraneshwa inyuma y'amezi atandatu?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri iyo nama yo gusuzuma ivyashitsweko mu rugamba rwo kuyirwanya muri aya mezi atandatu aheze kuva Mpox iteye, umushikiranganji Baradahana yabwiye abayitavye kwibaza ibibazo bitari bike vyo kuraba ko ingamba zafashwe mu kuyirwanya zabaye nyazo canke zashizwe mu ngiro neza mu gihe ifashe igihe kingana gutya itaraneshwa mu gihugu.

Miriyoni 14.5 z'ama dorari (hafi miriyaridi 42 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki) niyo yari yagereranijwe ko akenewe mu kurwanya ico kiza, ariko umushikiranganji yamenyesheje ko ayemewe yahavuye aruta ayo.

Ariko, abemeye guterera bose baratanze ico bemeye?

Umushikiranganji yabajije ico kibazo nta nyishu yatanze canke igiharuro c'amafaranga yatanzwe ku yari yemewe.

Yabandanije yibaza kandi igituma indwara gushika ubu itaratsindwa kandi hari utwigoro two kuyirwanya.

Yanibajije kandi niba kurwanya ikiza ca Mpox vyaratanze icigwa co kwitegurira neza ikindi kiza cotera mu gihugu.

Aho uwuserukira mu Burundi ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS, Xavier Crespin, yaciye aboneraho guhamagarira abajejwe amagara y'abantu mu Burundi kuba bararondera uburyo bwo kwitegurira guhangana n'ikiza ca Marburg kivugwa mu gihugu ca Tanzania.

Ku wa mbere, umukuru wa Tanzania Samia Suluhu Hassan yemeje ko muri Kagera, intara ihana urubibe n'Uburundi, hari umuntu yamenyekanye ko yanduye indwara iterwa n'umugera wa Marburg wegeranye n'uwa Ebola.