Mbega imigwi ya Mayi Mulele, yari inyeshamba canke yakorana n'ubutegetsi bw'i Bujumbura bwariho mu 1972 ?
Umugwi CVR, mu cegeranyo washikirije mu mpera z’umwaka wa 2021, werekana isemo ugezeko muri ico gikorwa, wamenyesheje ko wasanze ari ubwicanyi bw’ihonyabwoko ryakorewe Abahutu b’i Burundi.
Kimwe mu bikorwa vya CVR muri aya matohoza yawo, harimwo kudomako urutoke ku ruhara rw’aberwa n’ubu bwicanyi bw’agahomerabunwa, baba abantu ku gatwe kabo, inzego za leta, imigwi yigenga canke izindi nzego zizwi n’amategeko (personnes morales).
Umugwi ujejwe kurondera ukuri ku bwicanyi bwabaye mu Burundi CVR, igikorwa washinzwe ni ico kurondera ukuri ku vyabaye kuva mu mwaka 1885 gushika mu mwaka 2008. Wasobanuye impamvu washimye guhera ku bwicanyi bwabaye um 1972.
Mu mpamvu zitatu nyamukuru CVR yatanze, irerekana ko, ubwo bwicanyi bwazanye ikimanga hagati y’Abarundi bo mu mihingo itandukanye y’ubuzima bw’igihugu, gishingiye ku myirondoro yabo, aho abantu bishwe bahorwa ubwoko.
Muri ico gihe c’akaga kahekuye Uburundi, umugwi CVR wavuze ko ubutegetsi bwa Micombero mu ‘bwari bwirishiriyeho umwansi’, hamwe uwo mwansi akitwa ‘Abayoboke b’ubwami bashaka gutembagaza Republika’, ahandi uwo mwansi yari yabatijwe ‘ Mayi Mulele’, umugwi wakorana ‘n’abacangero b’ubutegetsi bw’agakandamizo’ (Mercenaires de l’imperialisme) mu guhungabanya umutekano w’igihugu, kwiba no kwica ikivunga Abatutsi.
Inkomoko y’iri zina Mayi Mulele, ivugwa mu gihugu kibanyi ca Republika ya Demokarasi ya Congo, aho wavuzwe cane cane hagati y’imyaka ya 1963 na 1968s. Ni izina bivugwa ko ryaturutse ku mukuru w’umuhari witwaje ibirwanisho Pierre Mulele.
Uyu mugabo yari umushikiranganji w’indero muri leta ya Patrice Lumumba, yavukiye muri Kwilu 1929, urubuga rwa internet (Wikipedia) ruvuga ko azwi nk’umwe mu bari abakuru b’imigwi yitwaje ibirwanisho yarwanya ubwahoze ari ubutegetsi bw’icari Congo Leopoldville y’ico gihe, (Congo-Kinshahasa y’ubu) mu ntambara zakurikiye iyicwa ry’umushikiranganji wa mbere Patrice Lumumba. Ni intambara yatanguriye Kikwit hafi ya Kwilu ku mavuko yiwe mu 1963, amaze kuva um nyigisho za gisikare mu gihugu c’ Ubushinwa.
Mu 1964 yifatanije na Gaston Soumailot, (yari kumwe na Laurent Desire Kabila na Christophe Gbenye), nabo bakorera mu buseruko bw’igihugu.
Umutwe w’abarwanyi wabo wari uzwi kw’izina rya Simba, biravugwa ko hagati y’ukwezi kwa kabiri 1964 kugeza mu kw’umumani wari umaze kwigarurira ibice bitari bito vy’ubuseruko bwa Congo.
Uyu mutwe Simba uvugwa ko winjije n’abarwanyi barimwo Abarundi ku nkungera za Rusizi n’ikiyaga Tanganyika.
Bimwe mu vyaranga uyu mugwi harimwo amabi y’iyicarubozo, gukoresha imiti y’imihamuro hamwe no kunywa ibiyayuramutwe.
Wahavuye usanzara mu 1965, leta ya Congo imaze kuronka ubufasha bw’abasirikare ba Amerika n’Ububirigi mu kuwurwanya.
Muri ico cegeranyo c’isemo y’umugwi CVR ku bwicanyi bwabaye um 1972, wamenyesheje ko mu ntara zitandatu wari umaze kugiramwo amatohoza, waronse intahe z’abantu bawiganiye ko abafatirwa ku mabariyeri, bamburwa agashambara baronderwa ko indasago, mu nzira yo kumenya nimba ari aba ‘Mayi Mulele’.
CVR ikavuga ko abenshi mu bayihaye izi ntahe, bahuriza ko iryo hagarikwa ryakorwa n’umuhari JRR w’urwaruka rw’umugambwe UPRONA wari umwe rudende mu gihugu ico gihe. Ico gihe igihugu cari mu mategeko agenga ibihe bidasanzwe (Etat d’exception) kuva mu kwezi kwa kane kugeza mu kwezi kw’indwi um 1972.