Inzego z'Ububirigi ziremeza ko umutegetsi wo mu Burundi yasavye ubuhungiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru mu Bubirigi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Amakuru ava muri zimwe mu nzego z'igihugu c'Ububirigi aremeza ko hari umutegetsi mukuru mu bushikiranganji bujejwe indero mu Burundi, yatse ubuhingiro mu Bubirigi nyuma yo kwanka gutaha mu Burundi ahejeje kwitabira ibikorwa vyari vyamujanye.
Leta y'u Burundi nayo, ibicishije mu bushikiranganji bw'indero burongowe na François Havyarimana, ivuga ko uwari umuyobozi mukuru w'inyigisho z'imyuga yari mu rugendo rw'akazi mu Bubiligi yahezeyo yanka kugaruka.
Iryo tangazo rya leta ryaje ryemeza amakuru yari amaze igihe acanacanako ku mbuga hwaniro avuga ko hari umutegetsi w'u Burundi yatorokeye mu Bubiligi.
Biravugwa kandi ko hari n'abandi barundi batari bake, bamaze guhitamwo gufata iyindi nzira hako bosubira mu Burundi bahejeje ingendo z'akazi.
Vyatanguye ari igihuha...
Mugihe vyatanguye kunurwanurwa mu mpera y'ukwezi kwa cumi na rimwe ku mbuga hwaniro ko hari umutegetsi w'u Burundi yari mu rugendo rw'akazi mu gihugu c'Ububiligi yashimye kugumayo asaba ubuhungiro, inkuru yagiye kuba impamo itariki 02/12/2024, aho umushikiringanji w'indero yasohora urwandiko BBC Gahuzamiryango yaronkeye i kopi.
Muri urwo rwandiko Francois Havyarimana arongoye ubushikiranaganji bw'indero bw'u Burundi yanditse agena ivy'imfatakibanza umuyobozi mukuru mushasha ajejwe inyigisho z'imyuga muri ubwo bushikiranaganji, kuko uwahahora yashe umuti wa herayo yanka kugaruka inyuma y'urugendo rw'akazi yari yatumwemo n'igihugu mu Bubiligi.
Urwo rwandiko kandi umushikiranganji w'indero akaba yaranarurungikiye ibiro vy'umukuru w'igihugu, ivvy'icegera ciwe hamwe n'umushikiranganji wa mbere.
Naho yirinze kuvuga izina ryiwe, BBC Gahuzamiryango yahavuye imenya ko ari Germain Ndayishimiye yari umuyobozi mukuru ajejwe inyigisho z'imyuga mu bushikiranaganji bw'indero.

Ahavuye isanamu, Alain Majesté
Yari yajanywe n'iki mu Bubirigi?
Amakuru BBC Gahuzamiryango yaronse nuko yari mu rugendo rw'akazi aho yari yatumiwe n'igisata c'ingoma y'Ububiligi kijejwe gufashanya hagati y'u Bubiligi n'u Burundi (Enabel). Urwo rugendo rw'akazi rukaba rwatangura italiki 17 ukwezi kwa Munyonyo (11) rukarangira italiki 20 z'uko kwezi nyene ari naho yari gusubira mu Burundi.
Ayo makuru aremezwa kandi n'abakora mu kigo Enabel, aho umwe mu bayobozi baco atashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona, yabwiye BBC Gahuzamiryango ivy'uwo mutegetsi atatahutse mu Burundi.
Yavuze ko vy'ukuri uwo mutegetsi yatumiwe mu ruganda rwo gukarisha ubwenge, no kumurika ivyakozwe n'abanyamyuga bava mu bihugu vyose ribera mu Bubiligi uko umwaka utashe, ryitwa Startech's Days, risanzwe rimara iminsi itatu.
Uwo mutegetsi mu kigo Enabel yabwiye BBC Gahuzamiryango ko uwo mutegetsi wa leta y'u Burundi yatumiwe kubera imigambi ico kigo gikorana n'ubushikiranaganji bw'indero yo guteza imbere amashure y'imyuga.
Si ubwambere abaserukiye u Burundi hanze bahitamwo gusaba ubuhungiro
Ku kibazo co kumenya nimba baramenye ko atasubiye mu Burundi, uwo mutegetsi muri Enabel yavuze ko babizi kubera ubushikiranganji bw'indero bwabandikiye bubabaza ivy'uyo mutegetsi ariko ko ataco bobikorako, kuko bamenye ko yamaze gusaba ubuhungiro.
Aho naho ngo akaba aca akingirwa n'amategeko mpuzamakungu akingira abasaba ubuhungiro (Convention de Genève) yo mu 1951, avuga ko atawukomakoma uwasavye ubuhungiro yaba igihugu canke uwari we wese, akaba yatubwiye ko ibindi bisobanuro vyobarizwa mu gisata c'abinjira n'abasohoka mu Bubiligi.
Si ubwambere abaje mu ngendo z'igihugu bavuye mu Burundi bahitamwo kuguma mu mahanga. Mu kwezi kw'umunani 2023 imikangara cumi y'umurwi nserukiragihugu w'abatarenza imyaka 20 mu mukino wa handball, batorokeye mu gihugu ca Croatia aho bari bagiye mu gikombe c'isi, aho benshi basavye ubuhungiro mu Bubiligi.
Muri abo hiyongerako abamenyeshamakuru babiri ba radiyo na television y'igihugu bari baherekeje umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca mu gihugu c'Ubutaliyano mu kwa kane 2024, bahisemwo nabo nyene kudasasubira inyuma.
Uwundi yahisemwo kutagaruka ni umenyeshamakuru w'ico kinyamakuru ca Leta yari yaherekeje umukuru w'igihugu mu nama nkuru ya ONU muri Leta Zunze Ubumwe za Ameika, nawe nyene yashimye kugumayo.
Ni iki gituma baguma hanze?
Mu gihe imvo zituma umuntu ahitamwo kuguma mu kindi gihugu aho gutahuka iwabo zitandukanye, abihweza utuntu n'utundi bavuga ko igituma hari Abarundi bahunga ubu gitandukanye n'icabituma mu myaka yaheze aho umutekano cari co kintu nyamukuru cabatera guhunga.
Ubu mu Burundi, naho ibibazo vya politike rimwe na rimwe vyigaragaza, muri rusange haratekanye ku buryo imvo y'umutekano itoshirwa imbere kugira umuntu ahunge.
Ababikurikiranira hafi bavuga ko ukuzimba kw'ubuzima, kubura kw'akazi hamwe no gutakaza icizere kuri kazoza ari ibintu nyamukuru biriko biratuma abarundi bamwe muri kino gihe bahitamwo gufata inzira y'amahanga.










