Burundi: Imyidogo ku gitoro ni myinshi, 'Turafise ingaruka mbi' - Claudine atwara taxi
Burundi: Imyidogo ku gitoro ni myinshi, 'Turafise ingaruka mbi' - Claudine atwara taxi
Yatangajwe
Abagendesha imodoka bavuga ko bamara imisi ibiri canke itatu batondeye igitoro, rimwe na rimwe bakanataha ata co baronse. Imyidogo ni myinshi.
Umwe mubatwara taxi mu gisagara ca Bujumbura, Claudine Nimbona avuga ko akazi kahagaze kandi ko n'abakoresha batabatahura iyo batabashiriye 'versement'.
Prezida Evariste Ndayishimiye we avuga ko ata kibazo c'igitoro gihari, ahubwo ingorane ihagaze ku bagwizatunga bafise imiduga ikizana baguma batega imitego reta.




