'Uwishe umugore wanje naramurekuriye' - Sylvestre Ntibantunganya

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC GAHUZA
  • Yatangajwe

Umupfasoni w'uwahoze ari prezida w'Uburundi Ntibantunganya Sylvestre ari mu biciwe mw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryahitanye prezida Ndadaye Melchior n'abafasha biwe mu 1993.

Mu kiganiro yahaye BBC, prezida Ntibantunganya avuga ko abamwiciye umugore yamaze kubarekurira.

Agira ati: "Nabarekuriye kuva kera kuko buriya jewe, mbaye ndareka y'uko ndi n'umukristu, ndemera y'uko no mu buzima bw'abantu, kurekuriranira ari ikintu gikomeye cane.

"Mugabo ikibazo gusa umuntu ashobora kugira, wewe ku mutima wawe wararekuye, hari aho wibaza uti, 'mbega uwo narekuriye koko vyaragize ico bimumarira?'

"Ni co gituma nama mvuga nti, Imana yompa, niyaba akiriho, nk'umuntu yanyiciye urya mupfasoni wanje, tugashobora guhura tukicarana, nkabimubwira, tukabiganira tubonana, akumva y'uko koko, atari ibintu vyo gushikuza, atari ibintu vya propagande, ko ari ibintu jewe nemera".

Ntibantunganya ari mu bategetsi bake b'umugambwe wari ku butegetsi ico gihe, SAHWANYA- FRODEBU barokotse ubwo bwicanyi, ariko buhitana umupfasoni wiwe.

Inyuma yo kuva ku butegetsi, prezida Ntibantunganya abayeho gute?

Prezida Ntibantunganya yavuye ku butegetsi mu 1994 atembagajwe n'igikenye ca Majoro Petero Buyoya.

Ubu avuga ko inyuma y'imyaka mirongo itatu avuye muri ayo mabanga aba mu Burundi, aho abayeho nk'abandi barundi.

Avuga kandi ko agerageza gukora utu na turiya dushobora kumubeshaho, ariko kandi ko igihugu hari ico kibategekaniriza.

Ntibantunganya agira ati: "Mu Burundi, hari itegeko ritegekanya ko abahoze barongoye igihugu kibatunga."

Haraheze hafi imyaka ibiri umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye agenye Ntibantunganya mu mabanga yo kurongora komite ijejwe ibiganiro mu gihugu.

Yagiye aranarongora indorerezi z'amatora z'akarere k'ubuseruko bwa Afrika mu matora mu bihugu bitandukanye vya Afrika.

Imigenderanire bafitaniye na Prezida Evariste Ndayishimiye

Prezida Ntibantunganya avuga ko azinanye n'uwuramutswa Uburundi ubu kuva kera mbere banakiri ku rugamba.

Avuga ko n'ubu hari igihe bavugana n'aho nyene ngo prezida Evariste Ndayishimiye afise akanya gake.

Ko hoba hari igihe aha impanuro uwo muprezida aramutswa Uburundi ubu, Ntibantunganya Sylvestre avuga "sinovuga y'uko ari ivyo umuntu agenda kuvugira hejuru".

Ariko aributsa ko Evariste Ndayishimiye agishikira ubutegetsi yahamagaye abahoze ari abakuru b'igihugu i Gitega baravugana.

Avuga kandi ko "hari n'ivyo abantu bose babonye igihe twagira ikiganiro turi hamwe twese ku bintu biraba igihugu".

Yongerako ati:"Ni umuntu kuri jewe mbona yugurutse, aganira n'abantu, jewe turaganira turonse akanya".

Akarusho ku gihugu gifise abahoze bakirongoye bakiriho

Prezida Ntibantunganya avuga ko abahoze ari abakuru b'igihugu baba bakiziko ibintu vyinshi.

Ivyo rero ngo baraheza bakavyisunga mu gufasha ababa barabakoreye mu ngata mu gukorera ineza y'igihugu.

Ariko rero ngo ivyo bisaba ko haba hari imigenderanire myiza hagati yabo.

Agira ati: "Iyo igihugu gifise abahoze ari abakuru b'igihugu, hanyuma ugasanga nta ngorane ziriho mu migenderanire yabo n'abari ku ntebe ico gihe, novuga y'uko bigira ico vyunguye igihugu.

"Abantu bakavuga bati mu Burundi abigeze kuba abaprezida baba mu Burundi.

"Ako rero ni akarusho kw'ishusho y'igihugu.

"Birafasha rero kugira ngo ugende urahanura, hageze mbere ko n'abantu baganira, ugafasha ko baganira."

Ntibantunganya yarabaye umukuru w'inama nshingamateka, aratwara ikiringo mfatakibanza inyuma y'urupfu rwa prezida Cyprien Ntaryamira, imbere y'uko aba prezida bwegu mu 1994.