'Umwe mu ntashikirwa za Liverpool' - Mane agiye muri Bayern

Sadio Mane

Ahavuye isanamu, Bayern Munich

Insiguro y'isanamu, Sadio Mane yamaze imyaka y'amahiganwa 6 muri Liverpool, yinjiza ibitsindo 120 mu nkino 269
Yatangajwe

Sadio Mane yashize umukono ku masezerano yo gukinira Bayern Munich imyaka itatu avuye muri Liverpool ku mafaranga y'amongereza imiriyoni 35.

'The Reds' bazohabwa imiriyoni 32 z'ama Euro, hiyongereko imiriyoni 6 bivanye n'inkino azokina hamwe n'izindi miriyoni 3 bivuye ku vyo azotsindira.

Liverpool yabanje kwanka inshuro zibiri amahera yatangwa na Bayern imbere y'uko humvikanwa kw'igurwa ry'uyu musatirizi w'umunye-Senegal, yaragifise amasezerano yoheze mu ci rikurikira.

Mane w'imyaka 30 yagize ati "iki ni co gihe ciza co kugerageza aka gahigo".

"Kuva mu ntango nari narumvise yuko iyi kipe ikomeye indondera rero mu mutwe wanje nta gukekeranya na kumwe kwariho".

Mane yagiye muri Liverpool avuye muri Southampton mu 2016 ku miriyoni £34, yinjiriza ibitsindo 120 mu nkino 269, akaba yarahejeje umwaka w'amahiganwa uheruka n'ibitsindo 23 mu mahiganwa yose.

Sadio Mane atangazwa nk'umukinyi wa Bayern Munich

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sadio Mane atangazwa uno munsi nk'umukinyi mushasha wa Bayern Munich ari kumwe na bamwe mu barongozi b'iyo kipe

Umuyobozi wa Bayern Munich, Herbert Hainer, yagize ati: "Sadio Mane ni rurangiranwa mu makungu akwije ivyo Bayern irondera mu mukinyi bikongera bikaronderwa na bose muri Bundesliga .

"Abafana baza ku kibuga kubera abakinyi badasanzwe nk'aba".

Mane yarafashije Liverpool gutwara igikombe ca Champions League hamwe n'ica Premier League, kandi mu kwezi kwa kabiri yarinjije penaliti y'intsinzi ahesha Senegal igikombe cayo ca Afrika ca mbere.

Oliver Kahn, umuyobozi nshingwabikorwa wa Bayern yongeyeko ati: "Turizeye neza ko Sadio Mane azohimbara abafana bacu mu myaka iri imbere kubera uburyo bwiwe bwo gukina bw'igitangaza.

"Arafise ishaka kandi arifuza gutsindira ibindi bikombe. Ibi birimwo ugukomera kwa cane. Dufise umukinyi ahambaye nka we muri FC Bayern, ibitsindo vyose ngirakamaro bizokwinjizwa."

Mu ndwi iheze Liverpool yaremeje ko yaguze umusatirizi wo muri Uruguay, Darwin Nunez, avuye Benfica ku miriyoni £64.