Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikibuga c'igikombe c'isi ciza kurusha ibindi? Abahinga ba BBC Sport barafise ico bavuga
Igikombe c'Isi c'umupira w'amaguru co mu 2026 kiriko kibera mu bisagara 16 biri mu bihugu bitatu, kandi caratweretse ibibuga vy'umupira biteye igomwe cane.
Kuva ku kibuga c'akaroruhore ca Mexique citwa Azteca Stadium, aho urukino rwo gutangura iri higanwa rwabereye, gushika ku kibuga ca New Jersey Stadium in New York, kizokwakira urukino wa nyuma ku wa 19 Mukakaro(7), abakinyi, abakunzi b'umupira hamwe n'abamenyeshamakuru bararonse akaryo ko kuraba no kwibonera ivyo bibuga bishasha.
Ariko none ni ibihe bibuga biteye igomwe kurusha ibindi?
Twabajije abamenyeshamakuru bacu ba BBC Sport bari muri Mexique, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Canada ngo batubwire ivyo biboneye muri ivyo bihugu.
Ikibuga Azteca (Mexique) – John Murray (Umumenyeshamakuru mukuru wa BBC Radio 5 Live)
Ni Azteca nyene – ikibuga gifise s amateka y'umupira w'amaguru muri buri mfuruka yaco.
Naho ico kibuga cahinduwe , ntawuhakana ko ari ho Carlos Alberto yatsindiye igitsindo ca kane kizwi cane ca Brésil mu rukino rwa nyuma rwo mu 1970, kandi ni ho Diego Maradona yabikoreye Argentine mu 1986.
Ikintu gitangaje ni uko ikibuga ubwaco gisa n'icagumanye ya sura yaco yihariye nyene y'uguca ibibatsi nibuka ndaba televiziyo inyuma y'iyo myaka yose ihaciye.
Iyo wongeyeko n'akanyamuneza kadasanzwe k'Abanyamexique – sinzigera nibagira ubwinshi bw'inkofero zitwa sombrero zaterwa mu kirere ku rukino rwo gutangura – ndibaza ko ata yindi stade izoruta iyi mu kuryosha ibirori muri rino higanwa ry'Igikombe c'Isi.
Mu vy'ukuri, ni yo yari ikwiye kwakira urukino rwa nyuma.
Ikibuga ca Boston – Pat Nevin (Yahoze ari umukinyi wo ku ruhande wa Ecosse akaba n'umusesenguzi wa BBC Radio 5 Live)
Ikibuga ca Boston ni co kibuga c'umurwi New England Patriots. Nk'ibindi bibuga vyinshi biri hano, aho ariho hose wicaye urabona neza mu kibuga.
Twebwe abamenyeshamakuru twicara hejuru cane, biradufasha kwihweza imikenyuro y'imikino, ariko bikatugora kumenya abakinyi umwe umwe. Mbere na Erling Haaland aba asa n'akanyegeri iyo umuravye uri hejuru cane gutyo.
Ico kibuga kimeze nk'urwavya amahanga kirasamiranya neza neza urwamo rw'abafana, ariko ubanza kukigishikamwo. Kandi Ivyo na vyo ntivyoroha kubera ibimenyetso vy'inzira biterekana neza iyo uja n'iyo uva, nibaza ko ari vyo bibi kuruta ibindi vyose maze kubonye mu gikombe c'Isi.
Kuhagera uvuye i Boston bifata umwanya munini cane, naho abakozi bahakorera bagerageza gufasha bikagabanya gatoyi ingorane. Ariko muri rusangi, na bo nyene basa n'abatazi neza amayira y'aho.
Ikibuga ca Seattle – Gary Rose (Umumenyeshamakuru wa BBC Sport )
Mu bibuga bitatu vy'Igikombe c'Isi maze kugendera, ikibuga ca Seattle – kizwi cane nka Lumen Field – ni co, kuri jewe, gitwara amanota menshi nk'ikibuga kitagira akanenge kuri jewe.
Ico kibuga kiri hagati mu gisagara ca Seattle, kandi umaze kucinjiramwo usanga gifise kimwe mu bibanza vyiza cane nabonye mu mupira w'amaguru. Ku ruhande rumwe ubona inyubakwa ndende z'igisagara ca Seattle, ku rundi ruhande na ho ukabona umusozi wa Mount Rainier uriko urubura kw'isonga ryawo, uhagaze hejuru cane y'aho abantu bahagarara.
Hanyuma hakaza ikirere. Uburyo igisenge c'ico kibuga cubatswemwo, gihese ku mpande zompi z'uburebure, bituma gikora nka rugagamisha rw'amajwi, urwamo rw'abafana rukubita hirya hanyuma rukagaruka rugasamiranira mu kibuga. Ivyo bituma urwamo rusubira ku kibuga, kandi ivyo biratuma ikibuga kinyiganyiga kubera urwamo.
Kugira uvyemere, ni uko uba warahagiye ukavyibonera.
Ikibuga ca Philadelphia – Neil Johnston (Umumenyeshamakuru wa BBC Sport ku mupira w'amaguru)
Philadelphia yariyumvise cane cane muri iki Gikombe c'Isi.
Abafana bavuye imihingo yose y'isi bakoraniye ari isinzi hafi y'icibutso kizwi cane ca Rocky kiri imbere y'Inzu y'utugenegene, kandi hari ikirere ciza cane ku kibuga ca Philadelphia igihe Brezil yatsinda Haiti ibitsindo 3-0 ku wa gatanu uheze.
Iki ni kimwe mu bibuga bike vy'Igikombe c'Isi vyemera ico bita "tailgating", aho abafana bahurira mu bibanza vyo guhagarikamwo imodoka hanze y'ikibuga kugira bateke, bafungure kandi banywe imbere y'urukino.
Warumva inguvu n'umunezero biri mu kibuga, aho abafana ba Haïti, banezerewe no kubona igihugu cabo kiri mu gikombe c'isi, bariko baravyina iruhande y'abafana ba Brésil.
Ikibuga ca Dallas – Alistair Bruce-Ball (avuga ingene urukino ruriko ruragenda, BBC Sport ku mupira w'amaguru)
Nk'umufana akomeye wa NFL, biraryoshe kwinjira bimwe mu bibuga nahora ndabira kure, ariko vyanatumye kandi numva umenga vyoba vyiza gusumba kuharabira urukino rwa NFL kuko umupira w'amaguru umenga ntuhabereye.
Ariko imbonekarimwe ni igihe Dallas Stadium yari yuzuye no ku munwa aho afana ba Argentina bariko bararorera umucunguzi wabo Lionel Messi aca umuhigo wo kwinjiza ibitsindo vyinshi mu gikombe c'isi aho bariko barakina na Austriche.
Nico kibuga nakunze cane gushika ubu - ecrans z'impande zine zimanitse hejuru y'ikibuga zirafasha cane uwuvuga uko urukino ruriko ruragenda iyo hari akagucitse, ariko kandi ziranafasha abakinyi kubona amashusho nk'abari hafi yayo bakenera rimwe na rimwe kuko baba bicaye kure y'abakinyi mu kibuga.
Uko munsi w'urukino watunganijwe vyari vyiza cane uravye urwo rubanza ingene ruba rukomeye ariko biragaragara ko ari abantu babimenyereye, kuva no gushika mu kibuga n'aho tuvugira umupira vyoroshe gushika ubu vyaranezereye.
Birakaramba.
Ikibuga ca New York New Jersey n'Ikibuga ca Atlanta – Ian Dennis (Umumenyeshamakuru mukuru wa BBC Radio 5 Live ku mupira w'amaguru)
Ikibuga ca MetLife – cahawe izina rya New York New Jersey Stadium ku bw'Igikombe c'Isi – ni co cantangaje cane kuruta ibindi bibuga bitatu nagendeye. Ariko muri rusangi, notora ikibuga ca Atlanta.
Ico nabanje kwiyumvira nkigera ku kibuga ca MetLife camamaye cane muri Amerika inyuma y'aho nshiriye ku mbuga hwaniro nti: "Ewe, mbega ikibuga gituma umuntu ahumeka nabi kubera ubwiza bwaco!". Ivyo vyabonywe n'abarenga imiliyoni zitanu.
Ariko vyaje kugaragara ko ico kibuga kidakundwa cane muri Amerika.
Catumye ntangara kubera ko ndiko ndaduga hejuru cane, numvise ndi hafi gukora ku bicu, mu gihe ico kibuga kinini cane kidafutse, ciyugurura imbere y'amaso yanje.
Ikibuga ca Atlanta na co kiratangaje kubera inyuma yaco cubakishijwe ibiyo n'ivyuma bifise imfuruka zidasanzwe, kandi ni co gitanga uburyohe bwinshi kuruta ku bafana.
Imbere muri co harihariye: gifise aho abantu bicara hatubatswe ku murongo umwe, ingazi ziduza hamwe n'inzira z'abagenda ziri inyuma y'igori rimwe, hakaba kandi na televiziyo nini y'umuzingi imanitse ku gisenge. Ariko aho nari nicaye sinashobora kubona neza umurongo wo ku ruhande rw'ikibuga wegereye aho nari ndi.
Ikibuga ca Kansas City – Elizabeth Conway (Umumenyeshamakuru wa BBC Sport ku mupira w'amaguru)
Ikibuga ca Arrowhead ni ikibuga ciza cane kidafutse, gitanga uburyo bwiza bwo kubona igisagara kandi kigatuma umunsi w'urukino uba uwutibagirwa.
Kansas City irazwi cane ku muco wayo wa "tailgating", aho abafana bahurira hanze y'ikibuga imbere y'urukino bagateka, bakarya kandi bakanywa. Uwo muco ufatwa nk'umwe muri myiza kuruta iyindi muri Amerika kandi urimwo n'inyama zokeje zizwi cane muri ico gihugu. N'imbere mu kibuga nyene, ugushwashwanuka kw'abafana kuratangaje.
Aho ni ho habereye urukino rwa mbere rwa Argentine muri iri higanwa ry'Igikombe c'Isi bahura na Algérie, kandi habaye ahantu heza cane ho kubona Lionel Messi atsinda ibitsindo bitatu mu ntsinzi y'ibitsindo 3-0.
Kubona izuba ririko rirarenga inyuma y'ikibuga mu gihe Messi yariko yongera kwandika amateka mashasha mu mupira w'amaguru, vyiyongera ku munezero n'urwamo rw'abafana, vyatumye uwo munsi uba uba uwutazokwibagirwa.
Ikibuga ca Seattle – Vicki Sparks (Umusesenguzi wa BBC)
Lumen Field ni co kibuga cantanganje cane kurusha ibindi vyose – kandi, emwe, urwamo rwaho rurarengeje.
Mu vy'ukuri, urwo rwamo rurakomeye cane ku buryo ico kibuga caronse incuro zibiri ikibanza mu gitabu ca Guinness World Records kubera ubunini bw'urwamo rw'abafana. Ivyo biterwa n'uburyo cubatswemwo busa n'ikirato c'ifarasi, bugatuma amajwi menshi aguma imbere mu kibuga. Ariko jewe ubwanje ndashobora kwemeza ko urwo rwamo rwumvikana gushika aho wogenda iminota 25 ugenda n'amaguru.
Igice co kwicaramwo co mu buraruko kiratangaje cane. Kiduga nk'imbere y'ubwato, kandi kuba ikirere kiboneka ku mpande zompi z'aho abantu bicara bituma umuntu aronka neza ishusho nziza y'igisagara ca Seattle.
Imbere muri ico kibuga, inzira n'ibibanza abantu bagenderamwo ni binini cane. Ariko igitangaje ni uko naho vyoba bitarimwo abantu, biracafise akaranga n'amateka yavyo. Ivyo ubibonera ku mirongo y'udupira tw'abaririmvyi bakomeye bamaze kuhakorera ibiteramo, harimwo Taylor Swift na Ed Sheeran, canke ku ruhome rwitwa Seattle Seahawks Wall of Legends, urutonde rw'ibihangange vyahaciye.
Ikibuga ca Dallas – Kelly Somers (Umumenyeshamakuru wa BBC)
Ukimara kwinjira mu kibuga ca Dallas, ubunini bwaco buragutangaza cane. Kirakikije impande zose kigatuma wumva uri mutoyi cane imbere yaco.
Nama mbona ko hari ikintu kidasanzwe ku bibuga bitagira abantu. Twahashitse umusi umwe imbere y'uko Ubwongereza bukina na Croatie, maze igihe twagendagenda muri co, numvise ko ari ikibuga gikwiriye kwakira ibirori bikomeye cane, kandi ushobora kwumva amateka y'ibintu bimaze kuhabera.
Kandi kubera ubushuhe bwinshi buri muri Amerika – na Dallas ikaba ibufise – uburyo bwo gukanyisha ikirere ni ngirakamaro cane. N'igisenge c'ikibuga nyene carafashije kugumiza urwamo imbere, bituma akanyamuneza k'abafana karushiriza kuryoha.
Nanje narakengurutse cane kubera ama televiziyo manini yerekana amashusho. Ibibuga vyinshi bisa n'ibivyishimira, ariko jewe narakunze cane ayo ari hejuru y'ikibuga hagati. Kubera ko aho twari twicaye hari hejuru cane, ayo ma televiziyo yaradufashije kubona neza urukino.