Igura n'igurishwa ry'abakinyi mu mupira w'amaguru kuri uyu wa gatandatu itariki 24.08.2024

Jadon Sancho mu rukino rwa Manchester United

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Sancho
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Juventus iriko iragiriranira ibiganiro na Manchester United vyo kugura umukinyi w'umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 24, n'aho vyitezwe ko bizogorana kuri Manchester United gushika ku masezerano yo kwemera imiriyoni 40 z'amapawundi.

Sancho ashobora kwimukira mu Butaliyano atijijwe, United ikaba yemera kumutiza ata masezerano y'uko baca bamugura n'aho kubw'uwo mugwi bari bipfuza kumugurisha.

McTominay

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, McTominay

Umugwi wa Naple uriko uraganira na Manchester United ku masezerano yo kugura umukinyi wo hagati Uskochi Scott McTominay, 27. (Sky Sports)

Vyitezwe ko umukinyi w'inyuma wa West Ham akaba n'umukinyi nserukiragihugu w'Ubutaliyano Angelo Ogbonna w'imyaka 36 yimukira mu mugwi wa Watford imbere y'uko ikiringo co kugurisha abakinyi kirangira. (Watford Observer)

Kepa Arrizabalaga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kepa Arrizabalaga

Umugwi wa Bournemouth uriko urarondera umunyegori wa Chelsea Arrizabalaga w'imyaka 29, mu gihe Chelsea na yo kwikurako uwo munye Espagne. (Athletic - subscription required)

Manchester United bemeye amasezerano yo kugura umukinyi wo hagati Sekou Kone w'imyaka 18 yashimishije abantu benshi mu nkino z'igikombe c'isi c'abadashikana imyaka 17 akinira igihugu ca Mali mu mwaka uheze, ubu yari mu mugwi wa Guidars FC ku muriyoni w'amapawundi hamwe n'utundi turusho twishi. (Fabrizio Romano)

Nico Williams

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nico Williams

Arsenal iriko iracika intege mu gikorwa co kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Athletic Bilbao Nico Williams w'imyaka 22, n'aho uwo mukinyi yatwaye igikombe ca Euro 2024 wa Espagne yari araronderwa cane n'uyu mugwi muri iri ci. (Independent)

Umugwi wa Southampton uriko uriyumvira kugura umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza Aaron Ramsdale, inyuma y'aho Arsenal yankiye gutiza uwo mukinyi w'imyaka 26 muri Ajax. (Mail)

Fabio Vieira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Fabio Vieira

Umugwi wa Porto wumvikanye na Arsenal kugarukana umukinyi wo hagati wa Portigal Fabio Vieira w'imyaka 24 ku ntizo. Yari yagiye muri Arsenal ava muri Porto mu kwezi kwa Mukakaro (7) 2022, amasezerano yiwe akaba azorangira mu 2027. (Mail)

Umugwi wa Brighton wemeye kugurisha umukinyi wo ku ruhande umune Turkia Ferdi Kadioglu w'imyaka 24 ku miriyoni 30 z'amapawundi. Banemeje ko yamaze kuja gukorerwa ibipimo. (Ajansspor - in Turkish)

Samuel Iling-Junior

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Samuel Iling-Junior

Umugwi wa Aston Villa wagiriraniye amasezerano na Bologna yo gutiza umukinyi w'umwongereza Samuel Iling- Junior w'imyaka 20, yari yaje muri uwo mugwi ava muri Juventus mu ci riheze, ubu akaba agiye gusubira mw'ihiganwa ryo mu Butaliayano.

Vyitezwe ko uwahoze akinira Ubwongereza Mason Greenwood w'imyaka 22 yemerera gukinira umugwi nserukiragihugu wa Jamaica aho azomenyerezwa na Steve McClaren. ( Jua)

Piero Hincapie

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Piero Hincapie

Umugwi wa Liverpool uriko urakurikirana cane umukinyi w'inyuma wa Bayer Leverkusen na Equateur, Piero Hincapie w'imyaka 22. (Football Insider)

Umukinyi w'imbere wa Hull City na Colombia, Oscar Estupinan w'imyaka 27 araza gufata indege yerekeza i Mexico gukina mu mugwi wa FC Juarez akazogira n'uruhara mu rukino ruzobahuza na Millwall. (Hull Daily Mail)