'Jewe ku rutonde rwa Ballon d'or, ntibishoboka!' - Ronwen Williams
'Jewe ku rutonde rwa Ballon d'or, ntibishoboka!' - Ronwen Williams
Yatangajwe
Ku munyezamu w’umugwi w’umupira w’amaguru wa Afrika y’epfo akaba na kapiteni Ronwen Williams, uyu mwaka wa 2024 uzoba umwaka w’intibagiranwa.
Ubuhizi bw’uwo mugabo w’imyaka 32, bwafashije umugwi Bafana Bafana gushika mu kibanza ca gatatu mu mahiganwa y’igikombe c'umupira w'amaguru ca Afrika – AFCON / CAN.
Aherutse kandi gushirwa ku rutonde rw‘abashobora guhabwa igikombe Yashin Trophy kigenewe umunyezamu yabaye uwa mbere mwiza w’uyu mwaka, mu birori ngarukamwaka vya mbere bikomeye kw’isi mu mupira w'amaguru vyo guha abakinyi beza igikombe ku giti cabo, Ballon d’Or.



