Sentare y'i Paris yahamije Charles Onana guhakana jenoside yabaye mu Rwanda

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Paris
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Sentare mpanavyaha yo mu Bufaransa yahamije ivyaha vyo guhakana jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994 umwanditsi Charles Onana n'uwumufasha gusohora ibitabo.
Sentare mpanavyaha y'i Paris yamuhamije ivyo vyaha kubera igitabo ciwe yasohoye mu 2019 yise "Rwanda, la vérité sur l'opération Turquoise: Quand les archives parlent."
Onana ni Umunya-Cameroun afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa.
Uwundi yahamijwe ivyo vyaha ni Damien Sirieix, Umufaransa afise inzu yo gusohora ibitabo yitwa "l'Artilleur", yamufashije kugisohora. Bose baciriwe amande ari hagati ya 5000 na 9000 vy'ama Euros.
Iyo sentare yanabategetse kuriha impozamarira y'ibihumbi 11 vy'ama Euros ku mashirahamwe yabitwariye.
Bompi bahise bajurira.
Ntivyari vyoroshe ko umuntu asanzwe aronka aho aca kubera umuvyigano, aho buri wese yipfuza kwinjira mu cumba c'urukiko.
Nayo abajejwe umutekano bari barikanuye kubera ubwinshi bw'abaje kurwumviriza.
Isaha umunani ni ho umukuru wa sentare na babiri bamufasha guca urwo rubanza binjira mu cumba c'iburaniro aho bafashe iminota itarenze 6 mu gusoma umwanzuro w'urukiko.
Sentare yavuze ko muri urwo rubanza basanze Charles Onana n'uwamufashije gusohora igitabo ciwe bagiwe n'icaha co guhakana jenoside yo mu Rwanda no kuyigabaniriza ubukana (canke gupfobya jenoside mu Kinyarwanda).
Sentare yaciye icira Charles Onana ihadabu ryose hamwe ry'ama Euros 8400, nayo Damien Sirieix yamufashije gusohora ico gitabo acibwa ihadabu ry'ama Euros 5000.
Sentare yaciye ivuga ko iryo hadabu bategerezwa kuririha bitarenze iminsi 120 batabikoze bazoca batabwa muri gereza bagapfungwa iyo minsi 120.

Umushingwamanza Richard Gisagara aserukira uruhande rw'abareze yavuze ko ari "intsinzi ku butabera burengera abahitanywe na jenoside n'abacikacumu".
Ati: "Ni ubwa mbere abahakana jenoside yakorewe Abatutsi bahanwe i Burayi. Ni isomo ku bifuza kwandika izi mvugo z'urwango, ni intsinzi ku bacikacumu ba jenoside yakorewe Abatutsi kuko babonye ko hariho kirazira."

Haciye haduka akajagari kuko abashigikiye abaregwa badugije ijwi bahakana urwo rubanza, biba ngombwa ko igipolisi gikoresha inguvu mu kubasohora.
Abashigikiye Charles Onana ntibanyuzwe n'imikirize y'urubanza. Marcel Cyiza yavuze ko uru ari urubanza ruhengamye. Yagize ati: "Nta gitanganje. Utavuga ibyo leta y'u Rwanda ishaka bamwita uwupfobya jenoside, ni byo tubona hano."
Charles Onana na Damien Sirieix bari bitwariwe n'amashirahamwe 7 arwanya jenoside, hamwe n'amashirahamwe aharanira iteka rya muntu, nka FIDH na LDH.
Imbere yuko urwo rubanza rusomwa, hanze y'urukiko hari imyiyerekano y'Abakongomani baba i Bulaya baje gushigikira Onana bafise ivyapa biriko amajambo atyoza leta y'Urwanda.










