Prezida wa Niger Mohamed Bazoum yagizwe imbohe n'abamucungerera ubuzima

Mohamed Bazoum

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Prezida Bazoum abonwa nk'umuntu afashanya n'ibihugu vya Buraya mu kugwanya aba jihadiste
Yatangajwe

Inkuru zivuga ko abacungerera ubuzima prezida muri Niger bagize ingwati prezida Mohamed Bazoum banazibira inzira zija aho aba co kimwe n'abashikiranganji bakomakomeye.

Nta rusoro na rumwe rwarashwe kandi ntibiramenyekana nimba ari igerageza ry'abo bamucungerera ubuzima ryo gufata ubutegetsi.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyanditse kuri Twitter ko abacungera ubuzima bw'umukuru w'igihugu bagerageje guhamagarira abandi basirikare kubashigikira muri ico gikorwa ariko bakanka.

Umuntu atashatse kumenyekana yabwiye AFP ko ivyabaye ari "agashavu" k'abasirikare.

Uwutanga iyo nkuru, AFP ivuga ko yegereye prezida avuga ko ibiganiro ata co vyashitseko, kandi ko abacungera ubuzima bwa prezida banse kumurekura, bahawe gasopo.

"Prezida n'umuryango wiwe bameze neza. Igisirikare n'abajejwe umutekano w'igihigu bariteguye kugira igitero" ku bantu bafise uruhara muri ico gikorwa, ni ko iyo Twitt ibandanya kuvuga.

Ico gihugu kidashika kw'ibahari co mu burengero bwa Afrika kimaze kubamwo itembagazwa ry'ubutegetsi incuro zine kuva cikukiye mu 1960, n'igerageza gutembagaza ubutegetsi ritagira igitigiri.

Itembagazwa ry'ubutegetsi ryaheruka ryabaye mu 2010, ryakuye ku butegetsi prezida Mamadou Tandja.

Niger kandi ihanganye n'intambara y'aba jihadiste - bamwe mu bumanuko bushira uburengero, yatemye iratongora igihugu ca Mali kibanyi mu 2015, iyindi na yo ikaba ari iyo mu bumanuko bushira ubuseruko, irimwo n'aba jihadiste bafise ibirindiro mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Imigwi y'abagwanyi ifitaniye ubucuti na Al-Qaeda hamwe na Etat islamique iriganje cane muri ico gihugu.

Ibihugu bibiri bibanyi, Mali na Bourkina Faso, vyarabayemwo itembagazwa ry'ubutegetsi riturutse ku ntambara y'aba jihadiste.