Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Lewandowski, Nunez, Mane, Pogba, Nkunku n’abandi

Robert Lewandowski

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Robert Lewandowski
Yatangajwe

Manchester United igiye kwinjira mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski w’imyaka 33 mu gihe icipfuzo ciwe co kwimukira muri Barcelona cokwanka, ni mu gihe uyu murwi wo muri Espagne uriko urarondera kwikurako bamwe mu bakinyi bayo bahembwa menshi. (Sun)

Paris St-Germain nayo nyene iripfuza Lewandowski mu gihe asigaje umwaka umwe mu masezerano afitaniye na Bayern Munich. (L'Equipe)

Chelsea nayo nyene iriko kandi irategura kwinjira mu rugamba rwo kurondera Lewandowski, ariko nta ngingo ishobora gufata gushika agurishije umusatirizi wayo umubirigi Romelu Lukaku  w’imyaka 29 yaguzwe imiriyoni 97.5 z’ama pawundi. (Star)

Liverpool yageze ku masezerano yok u munwa kugira ngo igure umusatirizi w’umunya Uruguay Darwin Nunez w’imyaka 22 asanzwe akina muri  Benfica ikaba iriko irategura urwandiko mu ntumbero yo guheraheza amasezerano azoyitwara imiriyoni 85 z’amapawundi. (Guardian)

Aya masezerano asigura ko umusatirizi wa Senegal  Sadio Mane w’imyak  30,ari hafi yo kuva muri Liverpool akaja muri Bayern Munich. (Telegraph )

Tottenham iri mu biganiro bigeze kure kugira irabe ko yoshobora kugura umusatirizi wa Everton umunya Brezili Richarlison w’imyaka 25, ku miriyoni 51 z’amapawundi. (UOL Esport)

Manchester City izosaba imiriyoni 80 z’amapawundi ku munya Portugal akina hagati Bernardo Silva mu gihe Barcelona yogerageza kugura uyu mukinyi w’imyaka 27. (Sunday Mirror)

Bernardo Silva

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bernardo Silva

Chelsea yahawe icizere inyuma y’aho Barcelona yemereje ko umukinyi wo ku ruhande umufaransa Ousmane Dembele w’imyaka 25 ataratera amasezeranomashasha yemerewe. (Sun)

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru wa Barcelona Joan Laporta avuga ko uyu murwi uri hafi yo gushika ku masezerano mashasha n’umukinyi wo hagati w’umunya Espagne Gavi  w’imyaka 17, mu gihe amasezerano afitaniye nayo asigaje umwaka umwe. (Marca)

Umusatirizi w’umufaransa Christopher Nkunku w’imyaka 24 ariteguye kuguma muri  RB Leipzig agatera igikumu ku masezerano mashasha n’aho imirwi ya Manchester United na Chelsea imurondera. (Leipziger Volkszeitung)

Arsenal ni umwe mu mirwi itari mike iriko irakurikiranira hagufi ingene ivya  Marco Asensio bigenda muri Real Madrid  mu gihe kazoza k’uyu mukinyi wo hagati wa Espagne afise imyaka 26 kitezwe kumenyekana mu ndwi iza. (Mirror)

Umukinyi wo hagati umufaransa Paul Pogba w’imyaka 29, agiye gusubira muri Juventus mu masezerano y’imyaka ine afise agaciro k’imiriyoni 68 z’amapawundi, ni inyuma y’aho asezereye muri Manchester United. (Gazzetta dello Sport)

Arsenal iri mu biganiro vyo kugurisha umunyegori, umudagi Bernd Leno w’imyaka 30 kuri Fulham mu gihe c’igura n’igurisha ry’abakinyi muri rino ci. (Sun)

Christopher Nkunku

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Christopher Nkunku

Fulham kandi irizeye ko ishobora kuronka abakinyi babiri na Liverpool umunya Pays de Galles akina inyuma Neco Williams w’imyaka 21, hamwe n’umusatirizi w’umuyapani Takumi Minamino w’imyaka 27. (90min)

Umukinyi wo hagati w’umuswisi Granit Xhaka w’imyaka 29 yabonetse ko aronderwa n’umurwi   Bayer Leverkusen mu Arsenal yakenyeye mu rugamba rwo kurondera umubirigi akina hagati Youri Tielemans w’imyaka 25 akina muri Leicester. (Mirror)

Umunya Serbia akina hagati Nemanja Matic mu ndwi iza azofatwa ibipimo vyo kwa muganga muri Roma mu gihe uyu mukinyi w’imyaka 33 ari hafi yo kwinjira muri uno murwi wo mu Butaliyano kuri gusa, inyuma y’aho amasezerano afitaniye na Manchester United azorangirira mu mpera z’uku kwa gatandatu. (Il Corriere dello Sport)

Nemanja Matic

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Nemanja Matic

Liverpool iriko irihweza ingene yorekura umukinyi w’inyuma w’umwongereza Nat Phillips w’imyaka 25 ko yosubira muri Bournemouth ku ntizo mu mwaka w’inkino uza. (Mirror)

Luis Suarez nta ngingo ntabanduka arafata ku bijanye na kazoza kiwe ariko Aston Villa iracari mu rugamba rwo kurondera uyu musatirizi w’umunya Uruguaa afise myaka 35 ubu. (Mundo Deportivo)

Juventus iriko iratera intambwe mu biganiro iriko igiriranira na Atletico Madrid kugira irabe ko yoronka burundu umusatirizi w’umunya Espagne Alvaro Morata  w’imyaka 29 yahoze akinira Chelsea. (TuttoSport)