Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya aka karere kitangaje nk’ubwami kandi katemera Ubudagi
Hagati mu mitumba ya kure mu buseruko bw’Ubudagi, hari urubibe rutaboneka.
Akarere ka "Königreich Deutschland" (Ubwami bw’Ubudagi) ni akarere kitangaje ko ari igihugu cigenga – kikwije mbere kakaba gafise n’umwami yigenye we nyene.
Petero wa Mbere, nk’uko we nyene ashaka ko bamwita, yakiriye umunyamakuru wa BBC mu cumba kitabona ubakishijwe ibiti.
Haraciye hafi imyaka cumi yimitswe mu birori vy’agakura, nk’umwami w’ico yita igihugu ciwe, gikora amafaranga yaco, indangamuntu zaco n’ibendera ryaco.
Azwi mu mu Budagi nka "Reichsbürger" (Umunyagihugu wa Repubulika), umwe mu bantu bababa 21.000 bafatwa n’igisata kijejwe igendereza ry’igihugu nk’abagumutsi badashaka kwemera ukubaho kw’igihugu c’Ubudagi bw’inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose.
Bagiye kumenyekana cane muri ino ndwi, aho abantu 25 bahagarikiwe mu gitero cakozwe ku ba Reichsbürger bari biketswe ko bariko bategura gutera ingoro y’inama nshingamateka y’Ubudagi, izwi nka Reichstag, mu gikorwa kibishe co gusenyura reta.
Umwami Petero avuga ko ata migambi y’ubugumutsi nk’iyo afise.
Ariko yemeza ko igihugu c’Ubudagi “kirwaye kandi ari ic’ubugome”.
Ati: "Nta nyungu mfise mu kuba muri uno murwi w’intangondwa kandi wa shetani”.
Yumva ko, nk’uko we nyene abivuga, ata kundi yari kugira atari ugutanguza ubwami bwiwe, inyuma yo kugerageza kwitoza nk’umukuru w’igisagara be n’umushingamateka ariko bikanka.
Ati: "Abaryi b’ibiturire, abicanyi canke abantu bashaka gukoreshwa bafise ikibanza mu butegetsi bw’Ubudagi, ariko abo bantu b’umutima w’ubugwaneza, bashaka ko isi ihinduka ku nyungu za beneyo, ku nyungu rusangi, nta kibanza bafise”.
Izina ryiwe nyaryo ni Peter Fitzek, ibikorwa vyiwe bikaba vyaramuteranije n’amategeko y’Ubudagi.
Ubudagi ntibwemera ubu bwami canke impapuro zabwo: Fitzek amaze kwagirwa n’ivyaha vyinshi vyo kugendesha imodoka ata vyangombwa afise be no gutanguza umugambi wiwe w’ubwishingizi mu vyo amagara y’abantu.
Amaze kandi gupfungwa imyaka itari mike ku vyaha vyo kunyonora amafaranga y’abanyagihugu ariko iki carahanaguwe.
Igisata c’akarere kijejwe igendereza, kikaba kimaze imyaka ibiri cihweza utwo yigira hamwe n’ubwami bwiwe, kivuga ko bafata ubu bwami nk’akaga.
Babufata nk’imigirwa ihamagarira abantu mu vyiyumviro vy’ubugumutsi n’akarangamutima k’ubutagondwa.
Ibi vyiyumviro n’aka karangamutima vyagiye vyiyongera mu budagi muri ino myaka ya vuba, biturutse kuri ca kiza karanda ca Covid. Iki kiza gisa n’icatumye abashigikira n’abinjira muri ubu bwami biyongera.
Fitzek abwira umunyamakuru wa BBC ko afise abanyagihugu bababa 5000. Ariko aragura ubwami biwe, mu kugura ubutaka mu Budagi kugira ngo ashinge imiryango itari mike abo banyagihugu bashobora kuzobamwo.
Umunyamakuru wa BBC yaragendeye kimwe muri ibi bibanza ku birometero 240 uvuye ku kirimba c’uyu mwami.
Ibiti vyo muri kahise ni vyo bikikuje ikindi kirimba kiri mu kigwati ca Bärwalde, urugendo rw’isaha n’igice mu modoka uvuye ku mugwa mukuru Berlin utera uja mu bumanuko. Abantu bababa 30 nibo baba muri ico kirimba.
Ni ikirimba gishaje kandi si ahantu heza. Baracasanura inyubakwa bongera bagira neza ikibanza.
Ibiti biracamera mu kigangara c’inzu ya kera cane.
Ariko abantu baranezererewe akarere kabo bafata kandi nk’ubutaka bw’ubwami bwabo.
Abantu baho ntibariha ikori ry’Ubudagi kandi ntibarungika abana babo mu mashure, iki naco kikaba ari ikintu giteye kubiri n’amategeko y’Ubudagi.
Bagendera ku mategeko yabo – avugwa ko ahagarariwe n’umwami Petero – kandi bakaba bategura no gushinga igisata cabo kijejwe amagara y’abantu.
Benjamin , uyu akaba aherutse kwimukirayo n’umuryango wiwe akaba ajejwe imigenderanire, avuga ati: "Ubu bwami bushobora kuguha ibintu vyose vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose. Imfungurwa, imfashanyo yo kubaho, izi nzego zose zirahari”.
Mu migambi yabo yo kwubaka umuryango wubahiriza ibidukikije, bakoresheje ubuhinga bwa none, abanyagihugu basa n’uko batemera ubuvuzi bwa none.
Benjamin avuga ko muri bo ata n’umwe yicandagishije Covid-19. Niho aba Reichsbürger bose bahagaze, mbere abenshi muri bo baragiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingingo zo kurwanya iki kiza.
Benjamin ati: "Abantu bose bigenga mu vyiyumviro vyabo uno musi akenshi bazobwirwa ko bagendera ku vyiyumviro vy’ubugumutsi.
Mu myaka itari mike, aba Reichsbürger bafatwa nk‘ugufyinata. Ariko ubu Ubudagi buriko buriga ingene bubagenzura.