Bishasha hagati ya Israel na Hamas: Israel ivuga ko yabonye 'umuyoboro wo mu kuzimu wa mbere munini wa Hamas muri Gaza'

Yatangajwe

Igisirikare ca Israel kivuga ko cabonye umuyoboro wo mu kuzimu wa mbere munini wa Hamas muri Gaza gushika ubu, uri ku metero 400 gusa uvuye ahitwa Erez ku rubibe hagati ya Israel na Gaza.

Umunyamakuru wa AFP afata amasanamu yahawe uburenganzira bwo gushika kuri uno muyoboro, aho avuga ko wagutse bikwiye ku buryo ushobora gukwigwamwo imodokari ikinjira neza.

Igisirikare ca Israel kivuga ko uno muyoboro ushobora kuba watwaye amamiriyoni n’amamiriyoni y’amadorari kandi ko wamaze imyaka itari mike wubakwa.

Kivuga ko uno muyoboro ufise amashami, vyose hamwe bikaba bishobora kugira uburebure bw’ibirometero birenga bine.

Kivuga kandi ko iyubakwa ry’uno muyoboro ryahagarariwe na Mohamed Yahya, mwenewabo w’intwazangabo nkuru ya Hamas Yahya Sinwar azwi ko ari we yateguye ibitero vyo ku wa 07 Gitugutu kuri Israel.

Igisirikare ca Israel kivuga kandi ko catoye ibirwanisho vyinshi vyari bibitswe muri uno muyoboro.

Umwe mu bavugizi b’igisirikare ca Israel, Liyetena-Koroneli Richard Hecht, avuga ko Hamas yakoresheje uburyo bwinshi cane kuri uno mugambi “wari ufise intumbero imwe, gutera Israel n’abanyagihugu bayo”.

BBC ntirashobora guhinyuza ibi bivugwa.

Igitsure kuri Israel ibandanya ciyongera mu gihe intambara ari urutavanako

Intambara z’urutavanako zirabandanya muri Gaza mu gihe mu mpera z’indwi iheze hari icizere ko hari gushobora kuba ayandi masezerano yo guhagarika intambara no kurekura izindi mpfungwa.

Kw’ikambi y’abateshejwe izabo ya Jabalia iri mu buraruko bwa Gaza haravugwa ibitero vyo mu kirere vyatirikiyemwo abantu 90, nk’uko abajejwe amagara y’abantu babitangaza.

Ni mu gihe abarongoye Hamas bobo batangaza ko abishwe bagera kuri 110.

Israel ivuga ko ikora ibishoboka vyose kugira ngo yirinde gutera abasivire, mu gihe ishimangira ko itera ibigo vy’iterabwoba.

Ariko kuva aho yihendeye ikagandagura impfungwa zayo ku wa gatanu mu gihe zari zifise amabendera yera vyatumye igitsure hanze no hagati mu gihugu ciyongera, aho basaba ko hoba ayandi masezerano yo guhagarika intambara kugira ngo izindi mpfungwa zababa 120 zizwi ko zikiri m minwe ya Hamas muri Gaza zirekurwe.

Vyitezwe kandi ko umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Lloyd Austin, mu rugendo rwiwe rutegekanijwe kuri uno musi, aza kugobera Israel kugabanya akariro mu ntambara yayo muri Gaza.

Mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, bivugwa ko Amerika yoba iriko irarondera kworosha amajambo ari mu nteguro nshasha y’icemezo gisaba ko intambara zihagarara kugira habe ibikorwa vyavyo vy’ubutabazi.

Hitezwe amatora ku masezerano mashasha y’agahengwe

Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi itegekanya amatora ku nteguro isaba Israel na Hamas kureka ngo imfashanyo y’ubutabazi yinjire muri Gaza iciye ku butaka, mu mazi no mu kirere.

Itororokanirizo ry’amakuru AFP rivuga ko hari integuro nshasha itegekanijwe uno musi, yateguwe na Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, isaba ko “intambara zihagaragara vuga bwango” muri Gaza.

Iki cemezo gishasha gisaba kandi ko impfungwa zose zirekurwa ubwo nyene kandi ata kirinze gusabwa, kandi ko gishigikiye inyishu ishingiye kw’ishingwa ry’ibihugu bibiri.

Amerika yari yazibiye icemezo c’inama nkuru ijejwe umutekano kw’isi casaba ko “agahengwe kugira ngo habe ibikorwa vy’ubutabazi”.

'Imikenyuro ya Netanyahu ikokeza intambara y’iyindi myaka 50’ – Wallace

Ben Wallace yahoze ari umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi yabwiye ikinyamakuru Daily Telegraph uno musi ko imikenyuro ya Israel muri Gaza “izokokeza intambara y’iyindi myaka 50” kandi ko ishobora gutuma urwaruka rwa Islam kw’isi rwinjizwa mu nyifato y’ubutagondwa.

Wallace avuga ko atariko asaba ko intambara ihagarara. Ati: “Ntushobora kugirana amasezerano yo guhagarika intambara na Hamas mu gihe batiteguriye kuvyemera”. Ariko, yongera ko y’uko ari ngombwa ko Israel "ihagarika ubu buryo bubi bw’intambara y’urudavagi”.

Wallace ati: “Guhiga Hamas biremewe, ariko gusibanganya uturere tunini twa Gaza ntabwo ari vyo”.

Avuga kandi ati: "Ndiyamiriza nivuye inyuma Hamas kuko iriko ikoresha Abanya-Palestina nk’ibikoresho”.

"[Hamas] ntiyerekwa Abayahudi kandi ntiyerekwa demokarasi. Ntiyerekwa ivyo kubana na Israel mu mahoro”.

Ariko rero, aba banyaporitike ba Israel ba kino gihe, nk’uko Wallace abivuga, bariko barasambura bakuzako.