Gutsinda ihiganwa ryo mu Bwongereza bivuga kuronka inzu yagutse - Ghetto Kids

- Umwanditsi, Stefania Okereke
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Umugwi w’abana bp muri Uganda wegereje cane kwiha iteka nta ngere inyuma y’aho ushikiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’impano ryo mu Bwongereza Britain’s Got Talent, aho bakunzwe cane n’abatanga amanota n’abarorerezi ku ntambo zabo z’agatangaza no gutwenza cane.
Baja baramaze kwandika amateka mu kuba aba mbere bahawe ‘’golden buzzer’’ [aho umwe mu batanga amanota afata ingingo ituma ushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma n’aho abandi bose boguha amanota make] n’imbere y’uko baheza intambo bariko baragira.
Ivyo vyatumye baca bashika ubwo nyene mu gice ca kabiri gishira ica nyuma co ku wa gatatu, aho baronse amajwi menshi y’abarorerezi, bisigura ko ubu bari muri 10 ba nyuma bitaba igice ca nyuma c’ihiganwa kuri uyu wa mungu.
Uwo mugwi w’abana batandatu bafise hagati y’imyaka itanu gushika kuri 13 n’abana bose bava mu buzima bw’ubukene ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, aho bakiriwe bagafashwa n’uwubitaho ubu ariwe mukuru w’abo muri izo ntambo, Dauda Kavuma.
Yabwiye BBC ko yizeye ko hamwe abo bana botsinda vyotera intege abandi bana babayeho nka bo.
''Turanezerwa cane no kubandanya tubikora kugira duhe umwizero abana bose bo muri geto [ghetto] hirya no hino kw’isi, abana b’amahirwe make cane, bataronka ivyo bari bakwiye kuronka nk’abana – ko bashobora kugira ico bavuyemwo mu buzima.''
Mu gihe bariko bariyongerereza abakunzi mu Bwongereza, Ghetto Kids (abana bo muri Ghetto) basanzwe bazwi cane kuri internet kw’isi nzima kubera intambo zabo zishwangamutse, kandi baratamvye mu gikombe c’isi c’umupira w’amaguru ca 2022 muri Qatar.
Ariko umwe muri bo, Priscilla Zawedde w’imyaka 13, yabwiye BBC ko gutsinda iryo higanwa ryo ku mboneshakure – no gutahukana $313.000 (ashika hafi 900.000.000 mu mafaranga y’Uburundi) ahabwa uwutsinze – bisigura ''inzu yagutse kuri umwe umwe''.
Abana bashika 30 ubu baba mu nzu imwe y’ivyumba bitanu i Kampala, aho barezwe na Kavuma.
Yatanguje ico kigo Inspire Ghetto Kids Foundation mu 2007 mu karere ka Makindye, akaba yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko kuronka inzu yagutse gusumba ari ''indoto'' kuko abo bana boca bagukirwa.
Gushika ubu babeshejweho n’imfashanyo z’abagiraneza n’amafaranga bakura mu vyo bashira ku mbuga hwaniro hamwe rero n’ayo baca bariko bararemesha ibiteramo ikibiriraho.
Kavuma nawe yatanguye kuba mu buzima bwo mw’ibarabara imbere y’uko ahabwa amahirwe n’umugabo yamubonye akina umupirfa w’amaguru aca amubaza niba yarashaka kuja mw’ishure.
‘’Yaciye anshira mu mugwi wiwe hanyuma amfasha kuriha amafaranga y’ishure. N’umuntu yamfashije atanzi. Kuva uwo munsi rero, naciye niyemeza nanje ko ninakura nifuza ko umunsi umwe nofasha umwana,’’ niko kavuma yabwiye BBC.
Ariko mu nyuma yaciye aja mu vy’umuziki, ari nawo ariko arakoresha kugira ahindure ubuzima bw’abandi.
''Abantu benshi bibaza ko abana bo mw’ibarabara…ata gaciro bafise mu bantu ariko jewe navyibaza ukundi,'' nk’uko yabwiye AFP.
''Nibaz nti: ‘Mbe nokoresha umuziki, intambo n’ivyese mu guhindura ubuzima bw’abafise amahirwe make muri geto?'' nk’uko avuga.
Akram Muyana, w’imyaka 13, yabwiye BBC ko gutamba yamye ari yo nzira yiwe yo kwirerangagiza ingorane z’ubuzima se wiwe amaze gupfa.
''Igihe cose ntamvye, numva nezerewe cane, kandi umwitwarariko nari nfise uca ugenda. Natanguye kuja ndaja mu masengero gutamba kugira ndonke amafaranga yo guha mama kugira angurire ivyo kurya n’impuzu''.
Uru ni urunganwe rwa kabiri rw’abana ba Ghetto Kids ba Kavuma bamenyekanye kw’isi – urunganwe rwa mbere bamenyekanye batamba umuziki w’umunya-Uganda Eddy Kenzo mu ndirimbo Sitya Loss hanyuma baza kuronka miriyoni z’ababaraba kuri You Tube.














