Florida - USA: umuzungu yishe abirabure batatu “yabikoze nkana”

Insiguro ya video, Intagondwa y'umuzungu yishe abirabure 3 buca isi yibuka "I have a dream" / Martin Luther King.
Florida - USA: umuzungu yishe abirabure batatu “yabikoze nkana”
Yatangajwe

“Yar’azi ivyo ariko arakora”.

T K Waters, umukuru w’akarere ka Jacksonville muri leta ya Florida uwo musore yiciyemwo abantu, yamenyesheje ko uwo muzungu yasize inyandiko zitatu, yemanga ivyo yakoze.

Ikigandaro kirabandanya, cane cane ko yishe iminsi ibiri imbere ko isi yibuka indoto ya Martin Luther King :

“I have a dream”

Florida : Yishe abantu buca isi yibuka "I have a dream" / Martin Luther King.
Insiguro y'isanamu, Yishe abantu buca isi yibuka "I have a dream" / Martin Luther King.