Israel - Gaza : ni bande bagize amahirwe yo guhungira muri Egypt?

Insiguro ya video, Umupaka wa Rafah uracunzwe cane, abamaze kuhajabukira barasuzumwa cane.
Israel - Gaza : ni bande bagize amahirwe yo guhungira muri Egypt?
Yatangajwe

Abakomeretse hamwe n’abafise ubwenegihugu Atari aba nye Palestina, nibo bambere barekuriwe gusohoka akarere Gaza.

Abakomeretse bajabutse, bavurirwa mu bitaro vy’i Egypt.

Ariko kubera igenzura rikomeye, n’abo banyamahanga, ni benshi bakirindiriye muri Gaza.

Ni mugihe ubushikiranganji bw’amagara bwa Hamas buvuga ko hamaze gupfa abarenga 8 000, kuva Israel itanguye ibitero yise ‘vyo kwivuna’

Umupaka wa Rafah uracunzwe cane, abamaze kuhajabukira barasuzumwa cane.
Insiguro y'isanamu, Umupaka wa Rafah uracunzwe cane, abamaze kuhajabukira barasuzumwa cane.