Ni bande banyuruza abakiri bato muri Kenya?
Ni bande banyuruza abakiri bato muri Kenya?
Yatangajwe
N'imiburiburi 24 ntibarasubira kuboneka, kuva ukwa 6/2024, hatanguye imyiyerekano yakwiriye mu gihugu.
Abagwanira iteka rya muntu bavuga ko igitigiri camenyekanye c'abanyurujwe ari n'imiburiburi 80.
Abashoboye gutoroka, canke kurekurwa n'abo babanyuruza, bashinga intahe uko bakorewe amabi y'ubwoko bwinshi.
Umuvyeyi wa Billy, avuga ko, ivyo ari vyo vyose, umuhungu wabo atari yanyurujwe n'abantu basanzwe.




