'Inyuma y'umwijima, umuco ushobora kwaka': ubutumwa bwa Kate

Ahavuye isanamu, Will Warr/Kensington Palace
"Mu gihe turiko turasozera ici, sinogenda ntababwiye ukuntu numva niruhutsa, kubona narasozereye ikiringo co kuvurwa hakoreshejwe uburyo bwa 'chemotherapy'.
Amezi icenda aheze, yabaye ayakomeye cane kuri twebwe nk'umuryango. Nk'uko mubizi, ubuzima bushobora guhinduka mu kanya isase, kandi vyabaye ngombwa gushaka uburyo tuvogera imikuba y'amazi y'igihuhusi n'amayira tutazi (muri urwo rugendo rw'ubuzima).
Urugendo rwa kanseri ruragora, ruteye ubwoba, rubamwo vyinshi bitateganijwe kuri buri muntu wese, cane cane incuti za hafi k'umugwayi.
Mu guca bugufi, rukuzana kandi mu nzira yo kubonana amaso mu yandi n'intege nke zawe, mu buryo utigeze wibaza mbere, kumwe n'ivyo, ugashobora kwiyumvira no kubona buri kintu mu yindi mero nsha.
Hejuru ya vyose, uyu mwanya watwibukije, jewe na William, kuzirikana no gushima kuri bito ariko vy'ingirakamaro mu buzima, ivyo benshi muri twebwe dukunze gufata nk'ibisanzwe. Gukunda no gukundwa gusa.
Gukora ico nshoboye cose mu nzira yo kurinda amagara yanje gusubira mu burwayi bwa kanseri, niyo ntego yanje nyamukuru kino gihe. N'ubwo narangije 'chemotherapy', inzira yanje yo gukira no gusubirana intege burundu iracari ndende, kandi ntegerezwa gufata umunsi umwe umwe wose uko uje.
Mugabo niteguriye gusubira ku kazi, ngakora n'imirimo mike mike ku mugaragaro yo guhura n'abanyagihugu mu mezi ari imbere binshobokeye.
Uko vyagenze kwose mbere, ninjiye muri iki kiringo gishasha co gukira mfise ivyizigiro bisha no gukenguruka ko mfise ubuzima.
Twe na William turashima uko twafashwe mu mugongo n'intege twakuye mu badushigikiye mwese muri bino bihe. Uburwaneza bwa buri wese, umutima w'imbabazi n'ikigongwe, vyatumye duca bugufi.
Kuri mwebwe mwese mugikomeza urugendo rwanyu mu burwayi bwa kanseri, ndacari kumwe na mwe, ndi ku ruhande rwanyu, ndabafashe ukuboko. Inyuma y'umwijima, umuco ushobora kwaka, rero mureke umuco wake utamirane cane".
- Ubutumwa buvuye kwa Catherine, umuganwakazi wa Wales, nk'uko bwashikirijwe n' ingoro Kensington Palace kuwa 09/09/2024.













