Umwami w’Abazulu ariko aravurwa icikekwa ko ari isumu

    • Umwanditsi, Farouk Chothia
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Umwami w’Abazulu muri Afrika y’Epfo Misuzulu kaZwelithini ari mu bitaro aho ariko aravurwa icikekwa ko ari isumu, nk’uko bivugwa n’umushikirangoma wiwe.

Umutware Mangosuthu Buthelezi yongerako y’uko uyu mwami yituye abaganga muri Eswatini kubera yumva atishimiye kuvurirwa muri Afrika y’Epfo.

Ibi vyaje bikurikira urupfu giturumbuka rw’umwe mu bahanuzi biwe bakuru, nawe nyene bikanugwanugwa ko yoba yishwe n’isumu, nk’uko Buthelezi abivuga.

Hagati aho, umuvugizi w’umwami avuga ko ubu “amerewe neza”.

Umwami ntari mu bitaro, kandi ntihakwiye kuba “ubwoba ataho bushingiye”, n’uko bivugwa n’Umuganwa Africa Zulu, asa n’uko ariko avuga ku vyo Buthelezi yari yashikirije.

Umwami Misuzulu yimitswe imbere y’ibihumbi vy’abiwe mu kw’icumi guheze.

Ariko indyane zikomeye z’abarwanira ubutegetsi zishingiye kw’iyimikwa ry’uyu mwami w’imyaka 48 ziriko zirabica bigacika mu muryango w’ibwami, mbere n’icuka kibi giherutse kuja ahabona hagati y’umwami n’umutware Buthelezi.

Umwami w’abazulu nta butegetsi bwa poritike afise kandi n’uruhara rwiwe mu buzima bw’igihugu ca Afrika y’Epfo ni kw’izina gusa, ariko afise ikibanza kidasanzwe mw’ikoreshwa ry’amamiriyoni atari make y’amadorari atangwa na reta.

Akarwi ko mu muryango w’i bwami karitwaye muri sentare gahakana iyimikwa ryiwe, kagashimangira ko atari we samuragwa nyawe y’uwari se wiwe, Umwami Goodwill Zwelithini.

Abagize aka karwi bashimangira ko uwundi muhungu w’uwari umwami, Umuganwa Simakade, ari we yari kwimikwa.

Umwami Zwelithini yari afise abagore batandatu n’abana nibura 26.

Umugore wiwe wa mbere, Umwamikazi Sibongile Dlamini-Zulu , hamwe n’abakobwa biwe babiri baritwaye muri sentare ku bisigi vy’umwami.

Sentare yaratesheje agaciro uru rubanza mu mwaka uheze, ariko bavuze ko bari kwunguruza.

Nta kintu cerekana ko hoba hari n’umwe wo mu muryango w’umwami yoba yarahaye isumu uyu mwami Misuzulu.

Igipolisi ca Afrika y’Epfo ntaco kiravuga kuri ibi bivugwa.

Mw’ijambo ryiwe, umutware Buthelezi avuga ko umufasha mukuru w’Umwami Misuzulu, Douglas Xaba yari kumwe na we, "yapfuye giturumbuka kandi vyikekwa ko yoba yariye isumu”.

Umutware Buthelezi ati: "Igihe Umwami yatangura kwumva ameze nabi, yaciye yibaza ko na we nyene ashobora kuba yarariye isumu.

"Ubwo nyene yaciye yitura abajejwe ubuvuzi muri Eswatini. Mfise inkuru ko Umwami yumvise ameze nabi igihe yariko aravurirwa muri Afrika y’Epfo, na rirya abavyeyi biwe bompi bapfuye bariko baravurirwa muri Afrika y’Epfo”.

Umutware Buthelezi yongerako y’uko mu gihe Umwami yari aherutse kugena Umuganwa Africa nk’umukuru w’igisata kijejwe gutumatumanako mu biro iwe, we n’umushikirangoma, bategerezwa kugira ico babwiye iri hanga ry’Abazulu kuri “ibi bintu biteye ubwoba”.

Umutware Buthelezi ati: "Impungenge dufise ubu ni ingene amagara y’Umwami yifashe. Twebwe nk’ihanga ry’Abazulu turasengera Umwami ko Imana yomurokora.

"Mu gihe vyoba ngombwa ko haba ayandi matohoza, ivyo vyokorwa n’abategetsi”.

Mw’ijambo yakurikijeko, Umuganwa Africa yavuze ko bisa n’uko hari “icinyegeje inyuma kandi ko hari umugambi ukomeye wo gukwiragiza amajambo y’ibinyoma kandi atagira ishingiro” ku bijanye n’amagara y’Umwami.

Yongerako ati: "Amaherezo ya vyo ni uko bitera ubwoba budakenewe hakaba n’abaca bibaza ko mu muryango w’i Bwami ziriko zirasha”.

Hagati aho, Umuganwa Africa aremeza ko umwami yapimwe mu buryo bwimbitse igihe yari muri Eswatini aho yari yagiye kuramutsa se wabo, Umwami Mswati III.

Yafashwe ibipimo kubera "ibihe turimwo vy’ibiza nka Covid-19 n’izindi ngwara zikomeye”, hamwe kandi no kurondera "kuzibira hakiri kare ikintu cose kibi cohava ciyadukiza, dufatiye ku makuru y’urupfu giturumbuka rwa Xaba”.

Iyimikwa ry’Umwami Misuzulu ryarihutishijwe, kandi ateje icuka kibi ku kirimba.

Se wiwe yapfuye mu gihe ca Covid mu kwa gatatu 2021 azize indwara y’igisukari.

Niwe mwami w’Abazulu yari amaze igihe kirekire, ingoma yiwe ikaba yari imaze imyaka hafi 50.

Yari mushiki w’Umwami wa Eswatini Mswati III.

Ico gihe, Umutware Buthelezi yaramiriye kure ibihuha vyavuga ko uno mwamikazi yoba yahawe isumu.

Yarashigikiye iyimikwa ry’Umwami Misuzulu inyuma y’urupfu rwa nyina wiwe, ariko amakuru aheruka avuga ko hari icuka kibi cane hagati y’aba babiri.

Cavuye ku mpari ku buyobozi bw’ikigo Ingonyama Trust Board, kijejwe gukurikirana amatongo manini agenzurwa n’umwami.

Umwami yagenye Umutware Thanduyise Mzimela nk’umukuru waco, ariko Umutware Buthelezi yaramurwanije, avuga ko ata bumenyi afise bwo kurongora iki kigo, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.