Ni mudufashe kurondera F-35 - igisirikare ca Amerika

Ahavuye isanamu, PA Media
- Umwanditsi, Na Megan Fisher
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitera akamo abanyagihugu ko bogifasha kugerageza gutora indege yaco y’intambara F-35 inyuma y’aho umudereva akorokeye akava muri iyo ndege.
Iyi ndege yatakaye ku muhingamo w’ejo ku wa Mungu igihe umudereva yariko arayinyonga hejuru y’intara ya Caroline du Sud/ South Carolina.
Uyu mudereva atavuzwe izina yarasohotse arakoroka neza akoresheje umutaka. Ubu ameze neza aho ari mu bitaro.
Ntibiramenyekana neza icabaye, ariko abategetsi bavuga ko ishobora kuba yagize isanganya.
Bavuga ko bibanze kurondera iyi ndege F-35B Lightning II mu micungararo y’ibiyaga bibiri biri mu buraruko bw’igisagara ca Charleston.
Abagenzuzi b’ivy’indege ku rwego rw’igihugu bariko bakora amatohoza ku biyaga Moultrie na Marion bafatiye ku hantu yabonetse ubwa nyuma.
Ikigo c’i Charleston cacishije ubutumwa bwaco bwo kurondera ubufasha ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter. Kivuga kiti: "Imirwi ijejwe ubutabazi iracagerageza kurondera aho F-35 yoba iri".
"Abanyagihugu basabwa gufashanya n’igisirikare hamwe n’abategetsi ba gisivire mu gihe utu twigoro tubandanya”.
Gitera intege umuntu uwo ari we wese yofasha imirwi yaco ijejwe amatohoza ko yovugana naco.
Igisirikare kirwanira mu mazi carungikiye ubutumwa BBC kivuga ko ata makuru menshi gifise gushika ubu ku vyabaye, ko cariko kikirondera amakuru aramvuye.
Majoro Melanie Salinas avugira igisirikare yabwiye ikinyamakuru Associated Press ko indege ya kabiri ya F-35 ivugwa ko yariko iguruka muri uwo mwanya nyene yashitse neza ku kigo ca gisirikare i Charleston.
Yahinguwe n’ikigo Lockheed Martin ikaba izwi ko igurwa hafi imiriyoni 80 z’amadorari y’Abanyamerika, ikaba kandi n’imwe mu ndege z’intambara za none.
F-35 iri mu mugambi wa mbere munini kandi uzimvye kw’isi yose wo guhingura ibirwanisho nk’ibi.
Mu 2018, igisirikare ca Amerika carahagaritse mu mwanya muto izi ndege zo mu bwoko bwa F-35 inyuma y’aho imwe ikorokeye muri Caroline du Sud/South Carolina.










