ABUCO ivuga ko ibiciro vyaduze abaguzi batagishijwe inama
Yatangajwe
Mu Burundi habandanije kuvugwa iduga ry'ibiciro vy'ibidandazwa vyinshi vya nkenerwa gushika ku bice biri hagati ya 30 na 40 kw'ijana.
Nyuma yo kuduga kw'isukari, isima, ibitoro hamwe n'igiciro co kwiyunguruza, ishirahamwe Brarudi ridandaza ibinyobwa naryo uno munsi (01/08/2023) ryatangaje iduga ry'ibiciro vyavyo gushika ku bice 30 kw'ijana.
Iryo duga ribandanije gutera umwidogo mu baguzi.
Twegereye ishirahamwe ry'abaguzi mu Burundi, ABUCO, Florentine Kwizera aca avugana n'umukuru waryo, Pierre Nduwayo, atangura amubwira ko abaguzi batagishijwe inama, kandi n'ibiciro abo badandaza bagenye, baterekana aho bashingiye (Umva ico kiganiro aho hejuru).

Ahavuye isanamu, Getty Images







