Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yevgeny Prigozhin: Uyu mukuru wa Wagner agiye guhungira muri Belarus yashitse aha gute?
Yevgeny Prigozhin, umukuru w’umugwi w’abacangero wa Wagner, agomba kuva mu Burusiya akaja kuba muri Belarus nyuma yo guhagarika umugumuko w’abasirikare biwe, mu gihe ari we nyene yari yawutanguje.
Prigozhin yahimirije abasirikare biwe kugumuka bakihanga igisirikare c’Uburusiya, anabwira abo barwanyi ba Wagner gutera intambwe begereza Moscow.
Ukwo kwegereza Moscow kwahavuye guhagarikwa.
None uyu mugabo arongoye uyu mugwi w’abacangero, akaba kandi yari yarayoboye urugamba mu bice vyarwo bikomeye, ninde?