Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ligue des champions: Manchester City v Inter Milan, birarangira gute?
Manchester City iriko irarondera gutsindira ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des Champions/Champions League) ku ncuro ya mbere kuva ibaho, ice itahukana ibikombe bitatu mu mwaka umwe, ikizwi nka Tripler/Treble, haza kuba ari mu rukino rwa nyuma ruza kuyihuza na Inter Milan ku kibuga ca Ataturk Olympic Stadium ku mugwa mukuru wa Turukiya, Istanbul, kuri uno wa gatandatu.
Abakinyi ba Pep Guardiola bamaze gutsindira ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League hamwe n’igikombe, FA Cup.
Bubaye ubugira kabiri mu myaka itatu City ishika muri finale ya Ligue des Champions, aho mu 2020-2021 yatsinzwe na Chelsea.
Umukinyi wo hagati wa City, Kevin de Bruyne yabwiye BBC Radio 5 Live ati: "Dukeneye gusa kurondera ingene dutahukana iki gikombe ubwa mbere.
"Turamutse tubishitseko, coba ari ikintu gikomeye ku bakinyi, ku murwi no ku bafana”.
Manchester United ni wo murwi w’Ubwongereza umaze gutahukana Tripler - Premier League, FA Cup na Ligue des Champions – aha hakaba hari mu mwaka w’inkino wa 1998-99.
City igiye muri uru rukino rwo kuri uno wa gatandatu ihagaze neza, mu gihe imaze gutakaza urukino rumwe rwonyene mu nkino zose 26 kandi ikaba itarigera itsindwa na rimwe mu nkino zose zo ku rwego rwa Bulaya uno mwaka, aho imaze gutsinda inkino 12.
Guardiola ariko arondera gutahukana iki gikombe ca Bulaya ku ncuro ya mbere kuva agitahukanye na Barcelona mu 2011, imyaka ibiri imbere y’aha akaba yari yatsinze tripler.
Uravye ku rupapuro, umurwi wa City urakomeye cane gusumba uwa Barcelona mu 2008-09 – ico gihe Barca yari yaratsinzwe urukino rumwe imbere yo gushika muri finale, ikaba yinjije ibitsindo 32 itsindwa 13 uwo mwaka, mu gihe City yoyo, mu gihe igisigaranye uru rukino rumwe, imaze kwinjiza 31 gushika ubu, ikaba imaze kwinjizwa bitanu vyonyene.
Abajijwe uburyo akoresha kugira ashike kuri ibi bintu vyose, Guardiola avuga ati: "Nari mfise [Lionel] Messi ico gihe, ubu naho mfise [Erling] Haaland. Iyi niyo ntsinzi yanje. Si ndiko ndafyinata, uku ni ukuri”.
Mu 2010 igihe yamenyerezwa na Jose Mourinho, Inter Milan yakubise hasi Barcelona yamenyerezwa na Guardiola mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu rugamba rwo gutsindira Tripler yayo, ariko uno musi ni bwo bwa mbere uyu murwi wo mu Butaliyano uzoba uhuye na City.
Guardiola ati: "Uru ni urukino rwa nyuma. Ligue des Champions ni ihiganwa rikomeye cane. Ni vyo. Ni indoto ikomeye.
Inter irondera iki gikombe ca Bulaya kigira kane
Manchester City niyo ihabwa amahirwe yose yo gutsinda uno murwi wo mu Butaliyano, Inter, umaze gutsindira iri higanwa incuro zitatu, ukaba wahejeje ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A uri mu kibanza ca gatatu, ariko ukaba watahukanye igikombe Coppa Italia ku ncuro ya kabiri yikurikiranya.
Hagati aho Inter si iyo gufata minenerwe kuko mu nkino umunani kuri 12 zose gushika ubu nta gitsindo yigeze yinjizwa, aho umunyegori wayo Andre Onana akora ibintu bidasanzwe.
Uyu murwi wa Simone Inzaghi urafise abasatirizi bakomeye. Barongowe na Lautaro Martinez yinjije ibitsindo 28 yongera atanga n’imipira 11 yavuyemwo ibitsindo mu nkino 58 muri uno mwaka w’inkino, aba Bataliyano bafise kandi Edin Dzeko yahoze ari umusatirizi wa Manchester City hamwe na Romelu Lukaku.
Inzaghi ati: "Ni rwo rukino rwanje rwa mbere rukomeye, ariko kandi ndemeza ko ari nako bimeze ku bakinyi banje, kuko turafise abakinyi nka Dzeko na Onana bamaze gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
"Ndizeye ko dushobora kuvyifatamwo neza, tugatsinda hanyuma tugatahukana igikombe i Milan. Ni indoto ikomeye kuri twebwe. Ni ikintu kigoye cane gushikako ariko dusigaje intambwe imwe gusa”.
Ni urukino ruza kuba rukomeye cane, aho vyitezwe ko umusatirizi Erling Haaland wa Manchester City aza gukora ibitangaza, inyuma y’ivyo ahejeje gukora mu mwaka w’inkino amaze mu Bwongereza avuye muri Borussia Dortmund mu ci riheze.
Yaciye umuhigo muri Premier League mu kuba umukinyi wa mbere muri iri higanwa ryarangiye yinjije ibitsindo vyinshi 36, nayo mu nkino zose akaba yinjije ibitsindo 52, ku rugero rw’igitsindo kuri buri minota 78.
Mu gice ca kabiri gishira ica nyuma nta gitsindo yinjije, ariko afise ibitsindo 12 muri Ligue des Champions muri uno mwaka wonyene, akaba anganije na Ruud van Nistelrooy wa Manchester United muri 2002-03.
Abajijwe nimba afise ubwoba kuri Haaland kubera inkino zibiri akinye atinjiza, Guardiola yishura ati: "Nimba wibaza ko Erling Haaland adashobora kwinjiza ibitsindo, aho uri umwe.
"Nta mpungenge na nkeya mfise. Ariteguye kudufasha gutahukana Ligue des Champions”.
Mu rugendo rwo gushika muri finale, Manchester City nta rukino na rumwe yigeze itsindwa, mu gihe Inter Milan yoyo yatsinzwe inkino zibiri.