Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
"'Drones' za Russia zateye ahari ihinguriro ry'inguvu za 'nucleaire' i Chernobyl", ku bwa Ukraine
"'Drones' za Russia zateye ahari ihinguriro ry'inguvu za 'nucleaire' i Chernobyl", ku bwa Ukraine
Yatangajwe
Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko 'drones' za Russia zateye zikonona ibikingiye ahari ibisigarira vy'ivyuma vy'i Chernobyl.
Muri iryo hinguriro ry'amasôko ntanganguvu y'i Chernobyl, igice caraturitse mu 1986 bivuye kw'isanganya.
Hamenyekanye ko ico gihe hari ingwara zadutse mu baba hafi yaho kubera ubumara.
Ni uko habaye harubakwa ibihome vyo gukinga, ari vyo bagirizanyako ibitero.