Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Foden, Vardy, Traore, Ronaldo, Gomez, Maddison

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umurwi wo mw’ihiganwa rya Arabia Saoudite Pro League umenyesha ko uzobandanya urondera umusatirizi wa Manchester United, umunya- Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37 mu gihe ikibazo ca kazoza kiwe kitotorerwa umuti inyuma y’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose. (CBS Sports)
Umukinyi wo hagati, umwongereza Phil Foden w’imyaka 22, yemeye amasezerano mashasha y’igihe kirekire muri Manchester City aho azohembwa amapawundi 225.000 ku ndwi. (Mail)
Manchester United na Chelsea iriko irakurikiranira hagufi umusatirizi wa Leicester City Jamie Vardy w’imyala 35 yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, akaba asigaje umwaka umwe gusa mu masezerano yiwe. (90min)
Tottenham ishobora kuvuvudikira umukinyi wo ku ruhande wa Wolves Adama Traore w’imyaka 26, mu gihe yonanirwa no kuronka umukinyi wo hagati wa Roma umutaliyano Nicolo Zaniolo w’imyaka 23. (90min)
Sampdoria yemeye igiciro c’imiriyoni 16,7 z’amapawundi ku mukinyi wo hagati wa Brentford umunya Danemark, Mikkel Damsgaard w’imyaka 22. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City yatanguye ibiganiro na Anderlecht ku munya-Espagne akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu Sergio Gomez w’imyaka 21, mu gihe yobura Marc Cucurella w’imyaka 24 asanzwe akinira Brighton. (Times)
Brighton iriko kandi iraraba ko yorondera umukinyi w’inyuma wa RB Leipzig umunya-Espagne Angelino kugira ishobore gusubiriza Cucurella asanzwe ariko araronderwa na Chelsea. (Sky Sports Germany iciye kuri Mail)
Sergio Aguero ntatahura igituma umurwi yahoze akinira Manchester City wafashe ingingo yo guha Chelsea umusatirizi w’umwongereza Raheem Sterling w’imyaka 27. (Metro)
Leicester yanse igiciro kigira kabiri c’imiriyoni 40 z’amapawundi gitangwa na Newcastle ku mwongereza akina hagati James Maddison w’imyaka 25. (Sky Sports)
Newcastle iriko kandi irarondera umwongereza Harvey Barnes w’imyaka 24 akina hagati muri Leicester . (Guardian)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w’inyuma wa Leicester Wesley Fofana yerekanye ko ashobora kuva muri King Power Stadium mu gukura Leicester City mu bimuranga ku mbuga hwaniro. Chelsea irarondera uyu mufaransa w’imyaka 21 muri rino ci. (Leicester Mercury)
Fulham yegereye umunya-Côte d’Ivoire akina muri Manchester United Eric Bailly w’imyaka 28 imusaba ko yoja kuyikinira. (Football Insider)
Chelsea iripfuza kugura umwongereza akina inyuma muri Southampton Kyle Walker-Peters w’imyaka 25. (Guardian)
Everton ntiriko irarondera kugarukana umwongereza akina hagati Ross Barkley w’imyaka 28, canke umusatirizi w’umubirigi Michy Batshuayi w’imyaka 28, n’aho yipfuza aba bakinyi bompi bakina muri Chelsea. (iSport)
Sevilla iri hafi yo gushika ku masezerano n’umunya-Brezili akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu muri Manchester United Alex Telles w’imyaka 29. (Fabrizio Romano)
Umufaransa akina inyuma muri Chelsea Malang Sarr ashobora guhitamwo kwimukira muri Monaco hakuja muri Fulham isanzwe iriko irarondera uyu mukinyi w’imyaka 23. (Standard)

Ahavuye isanamu, Getty Images
West Ham yasubiye kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Burnley umunya- Côte d’Ivoire Maxwel Cornet w’imyaka 25, mu gihe ikiri mu rugamba rwo kurondera umunya-Serbia akina muri Eintracht Frankfurt Filip Kostic w’imyaka 29. (Mail)
Umukinyi w’inyuma wa Arsenal umunya-Espagne Pablo Mari w’imyaka 28 ari hafi yo kwimukira mu murwi Monza wo mu Butaliyano. (Mail)
Sheffield United yagiye imbere y’imirwi ya Brighton, Southampton na Leicester mu rugamba rwo kurondera umwongereza James McAtee w’imyaka 19 akina muri Manchester City. (Athletic)









