Madagascar: Perezida Rajoelina avuga ko hari umugambi ubandanya wo gutembagaza ubutegetsi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Madagascar Andry Rajoelina bitangaza ko hari umugambi wo gufata ubutegetsi bw'igihugu mu buryo buteye kubiri n'amategeko kandi hahonyanzwe ibwirizwashingiro.
Haciye amasaha makeya, ishami ry'igisirikare ca Madagascar, CAPSAT, ryatangaje ko ubu ari ryo rifise mu minwe amashami yose ya gisirikare — igisirikare kirwanira ku butaka, ikirwanira mu kirere n'ikirwanira mu mazi – inyuma y'uko ryigaruriye ibiro bikuru vya gisirikare.
Iri shami ryagenye kandi umukuru mushasha w'ibiro bikuru vya gisirikare, Jenerali Demosthene Pikulas, nk'uko biri mw'itangazo ryacishijwe ku rubuga rwa Facebook.
Iri ni ryo shami ryagize uruhara rudasanzwe mu ndyane za poritike zo mu 2009 muri Madagascar, zatumye Perezida Andry Rajoelina ashika ku butegetsi.
Iryo tangazo ry'ibiro vya Perezida Rajoelina rivuga riti: "Hari umugambi wo gufata ubutegetsi muri uno mwanya mu gihugu, habanje guhonyangwa ibwirizwashingiro n'inzira ngendderwako za demokarasi.
"Umukuru w'igihugu, ari na we abazwa umutekano w'igihugu, ariyamirije yivuye inyuma uku kugerageza guhungabanya umutekano kandi agahamagarira ingabo zose z'igihugu gufatana mu nda zigakingira ibwirizwashingiro n'ubusugire bw'igihugu".
Nijoro ku wa gatandatu, itangazo ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu ryahumurije igihugu ko Perezida Rajoelina n'umushikiranganji wa mbere mushasha bafise ibintu mu minwe.
Ejo nyene ku wa gatandatu, CAPSAT yariyamirije ikoreshwa ry'inguvu z'umurengera mu guhangana n'imyiyerekano, zica zisaba kudakurikiza amategeko abahamagarira kurasa abari mu myiyerekano irongowe n'aba Gen Z.
Mu gatondo ko kuri uno wa Mungu, hari amakuru yakwiragiye yavuga ko habaye ukurasana kw'ikambi ya CAPSAT inyuma y'uko abarongoye ikijandarume bagendeye ico kigo mu biganiro. Nta makuru aramvuye avuga ko hoba hari abapfuye canke bakomeretse, canke nimba ibintu vyacureshe.
Mu gihe ingabo za CAPSAT zashitse hagati mu gisagara ca Antananarivo, umugwa mukuru wa Madagascar, kandi havugwa umugambi wo gusenyura intwaro, ibihumbi n'ibihumbi bari mu mabarabara mu myiyerekano ibandanya kuva mu mpera za Nyakanga (9).
Imyiyerekano muri Madagascar yatanguye ku wa 25 Nyakanga, abari muri yo bakaba batanguye basaba ko ibibazo vy'umuyagankuba n'amazi vyotorerwa inyinyu, ariko ubu bashaka ko Perezida Rajoelina atanga imihoho kubera barakajwe n'ubushomeri, igiturire n'ubuzima buzimvye.










