'Reta ifashe ingingo yo gutegeka umwenegihugu kwiyandikisha mu matora si ikosa' - Prosper Ntahorwamiye

Prosper Ntahorwamiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Ahavuye isanamu, CENI

Insiguro y'isanamu, Proseper Ntahorwamiye arongoye umugwi w'igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI avuga ko gutegeka abantu kwiyandikisha mu matora ari ibisanzwe
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Mu turere tumwe tumwe tw'Uburundi abanyagihugu baridoga ko baburabuzwa canke bagategekwa kuja kwiyandikisha ku nguvu mu matora y'ababaserukira ategekanijwe mu mwaka uza.

Hari n’abasitanteri bima ivyangombwa abanyagihugu babituye kubera batariyandikisha mu matora.

Ibi vyatumye bamwe n’abandi bagira amakenga, bakibaza ko iyo ngendo iteye kubiri na demokarasi.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi w'igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI avuga ko ari ibisanzwe.

Agira ati:"Abenegihugu barafise uburenganzira [droits], barafise n'ico basabwa [devoir].

"Reta rero ifashe ingingo ko isavye umwenegihugu kuja kwiyandikisha si ikosa, biri muvyo reta ijejwe."

Mu Burundi nta tegeko na rimwe ritegeka umuntu kwitabira amatora vyanse bikunze.

Igikorwa co kwandika abazoja mu matora yimirije mu mwaka uza catanguye kuri uyu wa mbere itariki 21 ukwezi kwa Gitugutu(10) 2024.

Muri ico kiganiro Ntahorwamiye avuga ko ibitigiri vy’abiyandikishije mu misi itatu ya mbere vyerekana ko urugero ruri musi y’ibice 29 kw’ijana vy’abo umugwi CENI ujejwe gutegura amatora witeze.

Avuga ko abamaze kwiyandikisha bangana 1.742.111.

Intara ya Gitega ni yo iza ubwa mbere aho hamaze kwiyandikisha abarenga ibihumbi 482. Iyiza ubwa nyuma na yo ni Burunga, hakaba hamaze kwandikwa abarenga gato ibihumbi 205.

Abanyeporitike baridogera CENI

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bamwe mu banyepolitike banegura indinganizo y’ikirangamisi c’amatora.

Mu gihe igikorwa co gutanga intonde kizotangura kw’igenekerezo rya 9 gushika ku rya 23 Kigarama(12) uyu mwaka, bamwe muri bo babona ko hasigaye umwanya muto cane.

Ku bwa Gabriel Banzawitonde arongoye umugambwe APDR, ngo ico kirangamisi nticorohereza nk'abazoba bipfuza gushinga inani.

Agira ati:"Itegeko rigenga amatora mu ngingo ya 29 rivuga ko inani z'imigambwe zishoboka mu gihe umukuru w'igihugu amaze guhamagarira abantu gutora. Umukuru w'igihugu azohamagarira abantu gutora itariki 7 z'ukwezi kwa Kigarama(12). Hanyuma itariki 9 abantu bace batangura gutanga amadosiye.

"Ca wiyumvira rero ingene mu musi umwe gusa w'itariki 8 imigambwe ishobora kuja hamwe kugira igire inani, hanyuma itariki 9 babe batanguye gutanga amadosiye. Urumva ko bakumira abantu bashaka kuja hamwe."

Prosper Ntahorwamiye ahanura abanyamigambwe bipfuza kugira inani gutangura kuvugana kuva ubu hazogere itariki icenda ari ukuzana amadosiye gusa.

Agira ati:"Umunyamugambwe azoja mu runani n'uwundi mugambwe, arindiriye iki?

"Kirya kirangamisi twagishikirije itariki 15 z'ukwezi kwa cumi. Muharure n'imisi 15. Shirako ukwezi kwa cumi na rimwe kose, n'imisi indwi y'ukwezu kwa cumi na kabiri, ni hafi amezi abiri."

Amatora y’abashingamateka n’ayo abajenama b’amakomine ategekanijwe kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi(6) 2025. Ayo abakenguzamateka ategekanijwe ku wa 23 Mukakaro(7) 2025. Amatora y’abakuru b’imitumba azoba ku wa 25 Myandagaro(8) umwaka wa 2025.