Abategetsi batari bake i Kyiv mu kwibuka imyaka itatu iheze Putin agomoreye ingabo kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi batari bake b'ibihugu bitandukanye bari ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, mu ntumbero yo kwibuka imyaka itatu irumanye neza Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya agomoreye ingabo ziwe kuri Ukraine, hari ku wa 24 Ruhuhuma 2022.
Mu matangazo basohoye yo guhimbaza uno musi, abategetsi batari bake ba Ukraine basa n'abagereranya ukungene Ukraine yari imeze ico gihe, n'ukungene imeze uno musi, hamwe n'impungenge bafise ku mfashanyo ya Amerika.
Valerii Zaluzhnyi, yari umukuru w'ingabo za Ukraine mu 2021-2024, ubu akaba aserukira Ukraine mu Bwongereza, avuga ati: "Twarihagazeko ico gihe, dutegerezwa kwihagararako n'ubu.
"Nubwo vyotugora gute, nta nkeka ntituzomaramara".
Eka n'igisata ca Ukraine kijejwe igendereza (SBU) gisa n'ikivuga uko nyene.
Itangazo ryacishije ku rubuga rwa X rigira riti: "Urugamba rwacu rurabandanya. Ntitwamanitse amakoko kiriya gihe, n'ubu ntituzokwishikana".

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, Ubumwe bwa Bulaya buhimbaje uno musi mu gutangaza ibihano bishasha mu gatondo ko kuri uno wa mber.
Ni ibihano bigize 16 Ubumwe bwa Bulaya bufatiye Uburusiya kuva butanguje intambara yeruye kuri Ukraine, haraciye imyaka itatu.
Kaja Kallas ajejwe imigenderanire muri uno muryango agira ati: "Mu gihe hari ibiganiro vyo kurangiza iyi ntambara y'Uburusiya, ni ngombwa ko dushira Ukraine mu kibanza gikomeye gishoboka. Ibihano biratera igitsure".
Ibihugu vy'Uburengero vyagiye birafatira ibihano Uburusiya kuva butanguje iyi ntambara kuri Ukraine, mu bijanye n'ubudandaji, ihanahanwa ry'amafaranga, ingendo, no mu gufata amatungo y'Uburusiya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe yatanguza iyi ntambara, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yari yiteze ko igisirikare cabwo rutura kandi kigezweho cari gufata Ukraine be "n'intumva" y'umukuru wayo, Perezida Volodymyr Zelensky, mu kanya isase, mbere bamwe mu bategetsi bakaba bamuhanuye ko yohunga.
Zelensky yamiriye kure iciyumviro ico ari co cose co kuva ku mugwa mukuru w'igihugu ciwe kugira ngo aje gushinga reta ikorera mu buhungiro. Yavuye mu ngoro yiwe y'umukuru w'igihugu yambaye umwambaro wa gisirikare wirabura, maze abicishije kuri videwo yasohoye ku mbuga hwaniro, abwira abanya-Ukraine ko azogumana nabo ku rugamba.
Ukraine yahavuye irwana n'ingabo z'Uburusiya igihe zariko zitera zija gufata umugwa mukuru. Ingabo zayo zimaze kwerekana ko zishobora kurwana, Abanyamerika n'Abanyabulaya baciye bahindura ivyiyumviro, maze batangura kuzirungikira ibirwanisho ku bwinshi.
Umutegetsi wa Ukraine atashatse ko izina ryiwe rimenyekana agira ati: "Ikosa rya Putin ryari uko yari yiteguriye idefire aho kwitegurira intambara. Ntiyibaza ko Ukraine yashobora kurwana. Yibaza ko bari kwinjira bakirwa n'impundu n'amashurwe".
Ku wa 29 Ntwarante (3) 2022 ingabo z'Uburusiya vyabaye ngombwa ko ziheba Kyiv zisubira inyuma. Haciye amasaha make basubiye inyuma, niho herekanwa ingene ibintu vyari vyatikiye mu bisagara bikikuje Kyiv vya Irpin, Bucha na Hostomel.
Mu mabarabara Abarusiya bari bizigiye gukoresha kugira ngo binjire i Kiev baririmba intsinzi, habonetse ibiziga vy'abasivire vyagumye aho biciwe, bimwe muri vyo vyambitswe amapine, ivyerekana ingene bananiwe no kuzimanganya ivyemezo vy'ivyaha vyo mu ntambara bagirizwa.
Mu gihe uno musi aba bategetsi batandukanye bakoraniye i Kyiv mu kwibuka imyaka itatu iyi ntambara imaze, hariko hashikirizwa amajambo atari make yo gushigikira Ukraine, mu gihe Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika asa n'uwafashe ingendo itandukanye n'iy'uwo yasubiriye, Joe Biden, ibiteye impungenge Ukraine n'ibihugu bitari bike vya Bulaya.
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Frank-Walter Steinmeier w'Ubudagi yitavye iri koraniro hakurikijwe ubuhinga bwa videwo, yagize ati: "Uburusiya ni bwo bwatanguje iyi ntambara. Uburusiya bushobora kuba bwugururiwe ugutwi muri Maison Blanche, ariko nta burenganzira na bumwe burashobora kuronka.
Abaza abitavye ibi birori ati: "Hoba koko hari umuntu yiyumvira ata buryarya ko ibiganiro vyo kuyayata, amajambo atagira ubwitonzi, canke amatangazo y'ubujuju, bishobora kuduhungabanya?"
"Oya, ni igihushane. Indwi zibiri ziheze zakomeje inshingano zacu nk'Abanyabulaya. Dutegerezwa kurwanira agateka kacu n'aka Ukraine, gusumba uko twahoze tubikora".

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku ruhande rwiwe, Perezida Volodymyr Zelensky aragabisha ku masezerano ayo ari yo yose n'Uburusiya yoshikwako gihutihuti, mu kuvuga ati: "Amahoro ntashobora gutangazwa gusa mw'isaha imwe".
Ati: "Putin nta mahoro azoduha, canke ngo ayaduhe tumuhaye ikintu.
"Tubwirizwa gushika ku mahoro dufise inkomezi, ubwenge n'ubumwe, biciye mu gukorana namwe [abategetsi bari muri iri koraniro]."
Avuga kandi ko amahoro arama azoba mu gihe gusa Ukraine izoba ihawe ivyemeza koko ko umutekano wayo utazosubira guhungabana, ariko mu ndwi iheze Uburusiya na bwo bukaba bwavuze ko budashobora kwemera ko ingabo za OTAN/NATO zirungikwa muri Ukraine nka kimwe mu vyoba bigize amasezerano yoshikwako.
Uburusiya buriyamiriza igitero ku biro vyegukira ubuserukizi bwabwo mu Bufaransa
Mu gihe aba bategetsi bakoraniye i Kyiv mu gushigikira Ukraine, Uburusiya busaba Ubufaransa gukora amatohoza yimbitse ku co bwita igitero c'"iterabwoba" ku biro vyegukira ubuserukizi (consulat) mu gisagara ca Marseille.
Itororokanirizo ry'amakuru rya reta y'Uburusiya TASS risubiramwo umukozi wo muri ibi biro avuga ko ibiturika bitatu bitamenyekanye, bibiri muri vyo bikaba vyaturitse, vyatewe mu kibanza kirimwo iyi nyubakwa, ariko bikaba ataco vyononye.
Ayandi makuru y'itororonakirizo ry'amakuru Reuters avuga ko amacupa ya plastiki yatewe ku kibambazi c'ibi biro, rimwe muri yo rikaba ryaturitse. Reuters ivuga ko abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka 30 bahageze.
Maria Zakharova avugira ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburusiya agira ati: "Ibi biturika mu kibanza c'ibiro vyegukira ubuserukizi bw'Uburusiya i Marseille bifise ibimenyetso vyose vyerekana ko ari igitero c'iterabwoba".













