Isabel, 'umugore wambere w'umutunzi muri Afrika', ntiyorohewe
Isabel, 'umugore wambere w'umutunzi muri Afrika', ntiyorohewe
Yatangajwe
Isabel Dos Santos, umukobwa w'uwahoze ari Perezida wa Angola, yamenyekanye nk'umugore wambere w'umutunzi muri Africa (imiliyari US$2), ariko ubuzima bwiwe bwarahindutse kuva mu 2020.
Mu 2016, José Eduardo Dos Santos yagenye umukobwa wiwe Isabel kuba umuyobozi wa 'Sonangol', ikigo c'ibitoro ca Angola.
Mu 2020, ihuriro ry'abamenyeshamakuru batohoza (ICIJ) ryasohoye inkuru yavuga ko amahera ya Dos Santos yoba ashingiye ku biturire.
Mu kiganiro kidasanzwe na BBC, Isabel Dos Santos yatanze insiguro ku bimwagirizwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images



