Ibinyobwa vya Brarudi muri vyinshi vyaduze ibiciro mu Burundi

Insiguro y'amajwi, ABUCO, ishirahamwe ry'abaguzi mu Burundi, ivuga ko ibiciro vyaduze batagishijwe inama
    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo & Prime Ndikumagenge
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango Nairobi
  • Yatangajwe

Ibiciro vy'ibintu vya nkenerwa vyaduze cane mu Burundi mu gihe hari imyidogo ko n'imishahara isanzwe idakwiye.

Kuri uyu wa kabiri, abanyagihugu basanganiwe n'itangazo ry'ishirahamwe rihingura inzoga mu Burundi, Brarudi, rimenyesha ko ryadugije ibiciro vy'inzoga.

Brarudi ivuga ko "ihinduka ry'ibiciro ryatewe n'ukwiyongera kw'ibiciro kw'ibintu bikenerwa mu gukora inzoga."

Inzoga zose zadugijwe ku bice vyababa 30 kw'ijana.

Mu bindi bintu vya nkenerwa cane biheruka kuduzwa ibiciro harimwo isukari, isima, igitoro n'amafaranga yo kwiyunguruza. Vyose vyaduze ku bice biri hagati ya 30 na 40 kw'ijana.

Aho ni mu gihe uretse abasirikare n'abapoli, ata bakozi ba reta baherutse kwongezwa umushahara.

Mu ntumbero yo kuronka amahera reta itegerezwa gukoresha muri uyu mwaka, umushikiranganji w'ikigega ca reta yasiguye ko hagiye kwongerezwa amakori n'amatagisi ku bintu vyinshi.

Mu bimaze kuduzwa ibiciro harimwo ibibanza vyo gucururizamwo mu masoko ya reta

Ibinyobwa vya Brarudi

Ahavuye isanamu, Brarudi

Insiguro y'isanamu, Ibinyobwa vya Brarudi vyadugijwe gushika ku bice 30%

'Ikibanza kivuye ku 14.000 kija ku 450.000'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abadandaza bakorera mu masoko atandukanye ya reta yo mu gisagara ca Bujumbura barahagaritse imirimo kuri uwu wa mbere.

Biyamiriza ingingo iherutse gufatwa na reta yo kurihisha ibibanza bakoreramwo amafaranga bavuga ko ari umurengera.

Basaba ko iyo ngingo yosubirwamwo.

Reta yamaze kwemera ko abo banyagihugu batarira busema, isaba inzego zibijejwe gusubiramwo ibiharuro bijanye n’ayo mafaranga kandi hahagarikwe n’ubusuma bwari bumaze imyaka bukorwa mu masoko mu gihugu cose, kandi bukorwa na bamwe bamwe mu bategetsi nyene.

Kw’isoko ya Ruvumera iri mu yarangwa n’uruja n’uruza rwinshi mu gisagara ca Bujumbura, uyu munsi hari agacerere kadasanzwe.

Ibibanza vyo kudandarizamwo vyavugako amagufuri, ababikoreramwo, bake bari bahari, bari bicaye hanze canke ku mwugaro wavyo batera inkuru mu tugwi tugwi.

Abacuruza ibintu vyononekara vuba cane cane ivyo kurya bibisi nk’itomati n’imboga, nibo bonyene bari bahawe uruhusha rwo gucuruza ivyo bari basanganywe.

Abazindutse baza kurema canke kudugura iryo soko bahashitse barajumararirwa, buzurwa n’agahinda k’agahombo bibateye. Niyoyabimpaye Magnus yari yaje ava i Bubanza.

Ati: "Narangura impuzu. Nshitse ngaha nsanga isoko imeze nk’uku. Ntaco ngiye ntwaye. Nshitse i Bubanza kuri centre nca mfata moto y’ibihumbi bitandatu. Yose [itike] aca arenga ibihumbi cumi birenga".

Abo bacururiza mw’isoko bahagaritse imirimo mu kwerekana akababaro batewe n’ingingo iherutse gufatwa n’igisagara ca Bujumbura yo kuduza amafaranga bariha ibibanza bakoreramwo. Bavuga ko ari umurengera.

Umwe muri abo ati: "Bazanye inkaratasi zanditseko ibihumbi 450.000. Twahora turiha ibihumbi 14. Vyumvikana ko ivyo bintu bitokunda’’.

Isoko ya Ruvumera
Insiguro y'isanamu, Kw’isoko ya Ruvumera iri mu yarangwa n’uruja n’uruza rwinshi mu gisagara ca Bujumbura, uyu munsi hari agacerere kadasanzwe.

Ibibanza vyari vyihagiwe n'indongozi

N’imbere y’uko abo badandaza bahagarika akazi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere ry’amakomine n’umutekano ari na bwo bujejwe amasoko mu gihugu yari yamaze kubaha inyishu.

Mu kiganiro kigufi yatanze mu gitondo ca kare, Martin Niteretse avuga ko iyo ngingo yafashwe ku ndwi iheze yosubirwamwo kugira urudandazwa rugende neza.

Yagize ati: "Turiko turagira umwihwezo twasanze ibiharuro bobisubiramwo neza […] kugira barabe igishoboka kugira urudandazwa rugende neza ata mwidogo".

Umushikiranganji Niteretse yagaragaje ko iyo ikibazo co kuduza ayo mafaranga cavuye mu busuma bwari bumaze imyaka bukorwa muri ayo masoko. Yavuze ko basanze abategetsi ari bo bari barigaruriye ibibanza, bakariha amafaranga make muri reta nabo bakabikotesha kuri menshi ku badandaza.

Ati: "Ni ububegito twasanze bwarabaye aho indongozi aho gutunganiriza abanegihugu usanga ari bo babanza kwitunganiriza.

"Nko Ruvumera ikibanza bakiriha muri meri (Mairie) ibihumbi ijana, ijana na cumi, mugabo bagaca bahakotesha ku bandi 600".

Ivyo navyo yemeye ko bigiye gukosorwa ntihagire umuntu atari umudandaza aronka ikibanza mw’isoko, kandi ntihagire uwurenza kimwe.

Ku rubaga rwa facebook rwa BBC Gahuza imyidogo ni myinshi...

Java Jay ati: "Ni agahomeramunwa Kuko imishahara ntiriko iraduzwa umunyeshure muri kaminuza ingurane iracari yayindi."

Oli Olivier Nahimana ati: "Uko birikose tubandanya twumirwa ibintu birakomeye cane."

Therence Kubwimana ati: "Nakamaramaza reta nirabe ihagararire inyungu z'umwenegihugu kuko ntibisiguritse."

Pascal Ndagiwenayo ati: "Yemwe ntivyoroshe none ko biduzwa umwanya ku wundi impunzi nazo ziri muri Tanzania zikabandanya zihimirizwa gutaha mbega yemwe iki gihugu mubona umunyagihugu haragera kwatekanirwa mu twiwe?"

Manirumva Egide Burundi ati: "Abafise ivyobavuga nibivugire bwarafutse umunwa."