Rusansuma rw'abanyamahanga mu Burundi rugamije iki?

Yatangajwe

Ubwa mbere rwari rwategekanijwe kumara iminsi itatu, kuva ku wa 26 gushika ku wa 28 Ntwarante (3). None reta y'Uburundi yongereje iminsi ibiri kugira abanyamahanga n'impunzi baba muri ico gihugu biyandikishe muri urwo rusansuma rugenewe bonyene.

Ku munsi wari kuba uwa nyuma niho hasa n'uko haje abantu benshi.

Mu gisagara ca Bujumbura biyandikisha ku biro vy'ama zone, ahandi mu gihugu bakiyandikishiriza ku mirwa mikuru y'intara no mu makambi impunzi ziba zirimwo.

Ariko aho mu gisagara ca Bujumbura, ari naho bishoboka ko haba abanyamahanga benshi kurusha ahandi mu Burundi, bamwe ntibashima ingene igikorwa gitunganijwe. Bavuga ko bajuragizwa abandi ngo bakamara umwanya munini batarasansumwa (batarabarurwa, mu Kinyarwanda) canke bagacishwa abandi imbere ku mirongo batonzeko.

"Jewe igihe nashika nari mfise inomero 22. Ubu naho mfise 117," niko umugore aturuka mu gihugu ca Pologne yidoze aho yari yazindutse kwiyandikisha ku biro vya zone Rohero.

Yabandanije ati: "Ibintu biguma bihindagurika. Nahavuye nicara ndatekereza.

"Twebwe twari twiyandikishije duciye ku buhinga bwa none. Ntitwumva igituma bahindukiye bakadusaba gushika ngaha twese."

Uwo mugore yavuze ko abona ko ashobora kuhamara amasaha ashika atanu.

Ubushikiranganji bw’umutekano bwahavuye bubona ko ibitigiri vy’abaza kwisansumisha bikiri binini. Bubicishije mw'itangazo ryashikirijwe n'umuvugizi wabwo Pierre Nkurikiye, bwaciye bufata ingingo yo kwongerako imisi ibiri. Igikorwa kizoca kirangira ku musi wa gatandatu.

Nta bitigiri vy'abanyamahanga baba mu Burundi vyari biherutse kumenyeshwa, ariko impunzi zo mu mwaka uheze ishami rya ONU rijejwe ico gisata, HCR, ryagereranya ko impunzi n'abarondera ubuhungiro bari mu Burundi barenga ibihumbi 80, na cane cane Abanye-Congo.

Abanyamahanga nabo bamenyerewe mu Burundi kandi bahari kuva kera benshi baturuka muri Aziya (Abahindi, Abapakistani), no mu bihugu vy'Abarabu (nka Oman na Yemen), abandi muri Afrika y'uburengero bakunze kwitwa Abasenegale [Sénégalais], bamuka mu bihugu nka Sénégal, Mali na Guinée, hamwe rero n'abanyaburaya nabo nyene barimwo ababaye mu Burundi kuva kera nk'Abafaransa, Ababirigi n'Abagiriki, hakongerako abaserukira ibihugu vyabo canke bakorera amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye.

Ubushikiranganji bw’umutekano ntibwigeze buvuga igituma bwatunganije urusansuma rw'abo banyamahanga bonyene baba mu Burundi, rushobora kuba ari urwa mbere, nibura mu myaka itari mike iheze.

Ariko, hari abibaza ko rwoba rufitaniye isano n’imvo z’umutekano.

Muri Nzero (1) uyu mwaka reta y'Uburundi yafashe ingingo yo kwugara imbibe bihana n'Urwanda yagiriza gushigikira abagwanyi b'umuhari Red Tabara, ivyo reta y'Urwanda ihakana. Uwo muhari uremanga ibitero bimaze kugwamwo abantu nko mu Gatumba na Gihanga.

Igihe umushikiranganji w'umutekano mu Burundi Martin Niteretse yatangaza ko imbibe n'Urwanda zugawe, yavuze ko "N'abo iwabo nta bo dukeneye, n'abari bari ngaha ku gataka twabirukanye na bo nyene."