Israel – Hamas: Netanyahu yatangaje ko ingabo ziwe zinjiye icese muri Gaza mu ntambwe igira kabiri y'urugamba

Netanyahu

Ahavuye isanamu, AFP

Yatangajwe

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yaraye yemeje ko ingabo zirwanira ku butaka zinjiye muri Gaza kandi ko “zarungitswe mu bice vyose” mu ntambwe igira kabiri mu ntambara na Hamas, zikaba zifise “intego zitomoye”.

Netanyahu avuga ko ingabo za Israel zinjiye mu co yise “ikirindiro c’ikibi”, ashaka kuvuga Gaza, “gusambura” Hamas no kugarukana abanyurujwe.

Imbere y’aha, umukuru w’igihugu ca Turukiya Recep Tayyip Erdogan yari yagirije Israel ivyaha vyo mu ntambara.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji wa mbere ntamudomako urutoke, ariko akavuga ati: "Ntimutwagirize ivyaha vyo mu ntambara. Nimba wibaza ko ushobora kwagiriza abasirikare bacu ivyaha vyo mu ntambara ubwo ni uburyarya. Turi igisirikare ca mbere kw’isi kigenzwa n’ubugwaneza”.

Avuga ko igisirikare ca Israel (IDF) kiriko kirafata ingingo zose zo gukingira abasivire, akagiriza Hamas ko iriko irakora ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha bikorerwa kiremwamuntu mu “gukoresha abantu nk’inkinzo zayo”.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu wa Gaza, agace karongowe na Hamas, avuga ko abantu bamaze kwicwa gushika ubu barenga 8000 kuva Israel itanguye ibitero vy’ibibombe vy’urutavanako. Ku wa gatanu, ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu ryavuze ko 40% y’abamaze kwicwa mu bitero vya Israel ari abana.

Hamas yagandaguye abantu barenga 1400 muri Israel mu bitero vyayo vyo ku wa 07 Gitugutu (10). Benshi muri bo bari abasivire.

Ibi bitero ni vyo vyabaye inkwezi y’amarere, aho Israel yaciye itangura ibitero vyo kwihora, ibitero vyo mu kirere bikaba ari urutavanako gushika ubu. Hakaba rero hiyongereyeko ibitero vyo ku butaka mu co abategetsi ba Israel bita intambwe ya kabiri y’urugamba.

Benjamin Netanyahu asigura iyi ntambara afatiye ku gihe kirekire cane: urugamba Abayahudi bamazemwo imyaka 3000 barwanira ukubaho kwabo.

Avuga ko ari uburenganzira bwa Israel bwo kubaho. Avuga ko gutuza Hamas ari yo ntego nyamukuru. Kurekuza abanyurujwe ni intego ya kabiri.

'Intambwe ya kabiri' ya Israel mu ntambara yayo na Hamas isigura iki?

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Yoav Gallant, yabwiye komite y’inama nshingamateka ko iyi ntambara izogira intambwe zitatu.

Gallant ati: "Intambwe ya mbere izoba iyo gusambura ibikorwa remezo vyose vya Hamas mu ntumbero yo gutsinda no gutuza Hamas”.

Avuga ko intambwe ya kabiri izoba iyo kubandanya intambara, aho ingabo zizokora kugira ngo “zituze uturwi twose tworondera kubandanya intambara”.

Gallant avuga ko intambwe ya gatatu "izorondera gukura umuzigo kuri Israel ku bijanye n’ubuzima bwa Gaza, hamwe no gutegura imigambi mishasha yo gutsimbataza umutekano w’abanyagihugu ba Israel”.

Igitero co ku butaka ca Israel kibangamira utwigoro two kurekuza abanyurujwe - Qatar

Reta ya Qatar ivuga ko igitero co ku butaka ca Israel muri Gaza catanguye ejo kibangamiye utwigoro two gushika ku masezerano yo kurekuza abantu banyurujwe na Hamas.

Majed al-Ansari avugira ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Qatar avuga ati: “Uku kwiyongera kw’intambara gutuma ibintu bigorana gusumba”.

Ni mu gihe, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyau avuga ko ata “gihushane” kihari hagati yo gutuza Hamas no gutahukana abanyurujwe.

Israel yemeje ko abantu 229 ari bo banyurujwe na Hamas.

'Abana bacu bari mu maboko yabo’

Hagati aho, imiryango y’abanyurujwe na Hamas babandanya basaba ababo ko borekurwa.

Hadas Calderon - abana biwe babiri n’uwahoze ari umugabo wiwe bakaba batwawe na Hamas ku wa 07 Gitugutu - atakambira abategetsi ba Israel guha ikibanza ca mbere irekurwa ry’aba bantu banyurujwe.

"Abana bacu bari mu maboko yabo. Ndabasaba ko batokwibagira abana bacu. Bategerezwa gutanga agahengwe hanyuma [bakemera] guhanahana impfungwa”, niko yabwiye ikiganiro Newshour ca BBC ari i Tel Aviv.

Calderon ni umwe mu bantu amajana n’amajana bari bakoraniye i Tel Aviv ejo ku wa gatandatu basaba ko ababo banyurujwe na Hamas barekurwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu avuga ko ikintu ca mbere ingabo ziwe zishira imbere ari "ugutuza burundu" umuhari Hamas.

Calderon yarateye kandi akamo Hamas.

"Ndabatakambiye, mubungabunge abana bacu kandi mukore ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire ico baba…ni inzirakarengane. Iyi ntambara si rwabo”.

Imyiyerekano irya n’ino kw’isi yo gushigikira Abanya-Palestina irabandanya

Ni mu gihe irya n’ino kw’isi hamaze imisi imyiyerekano yo gushigikira Abanya-Palestina bageramiwe n’ibitero vy’urutavanako vya Israel. Ng’aya amwe mu masanamu y’iyi myiyerekano

Muri Turukiya: Perezida Recep Tayyip Erdogan yitavye imyiyerekano y'isinzi ry'abantu yo gushigikira Abanya-Palestina i  Istanbul, aho yavuze ko Israel ari igihugu cihagira ubutaka bw'ibindi bihugu, akagiria ibihugu vy'Uburengero ko ari vyo bibazwa izi ndyane. Mu kwihora kuri ano majambo yiwe, Israel yaciye ihamagaza abayiserukira muri ico gihugu.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Muri Turukiya: Perezida Recep Tayyip Erdogan yitavye imyiyerekano y'isinzi ry'abantu yo gushigikira Abanya-Palestina i Istanbul, aho yavuze ko Israel ari igihugu cihagira ubutaka bw'ibindi bihugu, akagiria ibihugu vy'Uburengero ko ari vyo bibazwa izi ndyane. Mu kwihora kuri ano majambo yiwe, Israel yaciye ihamagaza abayiserukira muri ico gihugu.
Mu Bwongereza, abari mu myiyerekano i Londres bari bafise ikibendera kinini cane ca Palestina, ibihumbi amajana n'amajana bakaba bayitabiriye

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Mu Bwongereza, abari mu myiyerekano i Londres bari bafise ikibendera kinini cane ca Palestina, ibihumbi amajana n'amajana bakaba bayitabiriye
Muri Malaysia, abari mu myiyerekano bari bafise amajana n'amajana y'amabendera ya Palestina hamze y'ibiro vy'ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku mugwa mukuru Kuala Lumpur

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Muri Malaysia, abari mu myiyerekano bari bafise amajana n'amajana y'amabendera ya Palestina hamze y'ibiro vy'ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku mugwa mukuru Kuala Lumpur
Muri Australia, imyiyerekano yo gushigikira Abanya-Palestina yabaye muri  Perth mu Burengero bwa Australia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri Australia, imyiyerekano yo gushigikira Abanya-Palestina yabaye muri Perth mu Burengero bwa Australia
Muri Cisjordanie/West Bank, incuti z'Abanya-Palestina bapfungiwe mu mabohero ya Israel basaba ko barekurwa, bongera bashikiriza ubutumwa bwo gushigikira abanya-Gaza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri Cisjordanie/West Bank, incuti z'Abanya-Palestina bapfungiwe mu mabohero ya Israel basaba ko barekurwa, bongera bashikiriza ubutumwa bwo gushigikira abanya-Gaza