“Muri Korea y’epfo, indongozi za Africa ntitwagiye kwifotoza”/ William Ruto

Insiguro ya video, Iterambere, umutekano muri Africa, W. Ruto yabibwiye BBC ari mu nama muri Korea y'epfo.
“Muri Korea y’epfo, indongozi za Africa ntitwagiye kwifotoza”/ William Ruto
Yatangajwe

Korea y’epfo yemereye Africa amahera angana imiliyari 10$, mu migambi y’iterambere.

Ariko kandi, mu kugwanya intambara cane cane muri Africa, BBC yabwiwe bimwe:

“Tubwirizwa kwihutisha guhuza abahanganye muri RDCongo, nta muti uciye mu vya gisirikare ushoboka”. Ni navyo bitegekanijwe muri Sudan.

Perezida William Ruto wa Kenya avuga ko yabiganiriye na Perezida Joe Biden wa USA, iminsi mike imbere y'iyo nama.

“Biden yanyemereye ko yavuganye n’umuryango wa Bulaya, ngo hongerezwe ikiringo ATMIS (yahora ari AMISOM) c’imyaka ibiri”.

Iterambere, umutekano muri Africa, ni bimwe Perezida Ruto yabwiye BBC ari mu nama ya Africa na Korea y'epfo.
Insiguro y'isanamu, Iterambere, umutekano muri Africa, ni bimwe Perezida Ruto yabwiye BBC ari mu nama ya Africa na Korea y'epfo.