Nataye umugore wanje n'abana b'amahasa - Impamvu uyu Munyanijeriya yahunze Afrika y'Epfo

Ifoto yegereye yerekana mu maso ha Richard Itoro.
Insiguro y'isanamu, Richard Itoro avuga ko gusubira muri Nijeriya agatangura ubuzima bushasha yari yo ngingo nziza kuruta izindi
    • Umwanditsi, Makuochi Okafor
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Lagos
    • Umwanditsi, Thomas Naadi
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Accra
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Umunya Nigeria Richard Itoro ntazi neza igihe azosubirira kubona abana biwe b'amahasa.

Kubera gutinyira umutekano wiwe igihe imyiyerekano yo kwiyamiriza abimukira yarushiriza gukara muri Afrika y'Epfo muri uyu mwaka, uwo mugabo w'imyaka 47 yataye umuryango wiwe n'urudandazwa i Johannesburg, afata imwe mu ndege zari zateguwe kugira zitahukane Abanya Nigeria muri Ruheshi(6).

Ivyamushikiye ni kimwe gusa mu bintu vyinshi biriko bitera ubushamirane bwa diplomasi bigashira no mu kaga imigenderanire hagati ya Afrika y'Epfo n'ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika.

Mu kiringo c'amezi abiri aheze, abanyamahanga ibihumbi mirongo baramaze kuva muri ico gihugu.

Ariko arakorora amosozi, yibutse ingene yasezeye umugore wiwe w'Umunyafrika y'Epfo, yabwiye BBC ati: "Vyarambabaje cane gusiga umuntu asanzwe ari umugenzi andutira bose, incuti yanje magara".

Mu myaka irenga 15 yari amaze yubatse urudandazwa rwo kugurisha imodoka, yaraguze inzu kandi yubaka umuryango. Ivyo vyose ubu yarabitakaje.

Harageze igihe Itoro atangura gufatwa nabi no gutotezwa. Mbere n'umugore wiwe ntiyarokotse itera bwoba.

Avuga ko ababanyi babwiye umugore wiwe bati: "Wubakanye n'Umunya Nigeria. Mwebwe mwubakanye n'Abanya Nigeria twari dukwiye kubata muri yompi".

"Mwaraduhemukiye. Genda uve muri iki gihugu ujane n'umugabo wawe. Ntimukwiye kuguma hano."

Itoro yaguye mu gahundwe.

Ati: "Umuryango wanje wari umuryango mutoyi, mwiza kandi utekanye. Nta kibazo nari mfitaniye n'umuntu n'umwe."

Harageze igihe igitsure n'iterabwoba birakara rwose.

Agira ati: "Nopfuma ntaha iwacu ngatangura ubuzima gushasha, hako nguma ahantu baguma bantoteza nkama mfise n'ubwoba bwo kwakwa ubuzima."

Abantu isinzi bari mu myiyerekano. Bamwe bafise amabendera ya Afrika y'Epfo, kandi imbere hari icapa canditsweko ngo: "Rokora igihugu cawe, urokore n'urunganwe ruzogukurikira."

Ahavuye isanamu, Gallo Images via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano isaba abimukira badafise ivya ngombwa vyemewe gusubira iwabo yarongereje umurindi mu mpera za Ruheshi (6)
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko uwo mudandaza avuga ko ubuserukizi bwa Nigeria muri Afrika y'Epfo butamwemereye kujana n'umugore hamwe n'abana biwe.

Avuga ko ivyabaye vyasa n'ivyo muri 'film', aho umuntu yurira kajugujugu ya nyuma iba iriko irahunga igisagara cagoswe mu bihe vy'intambara.

"Ico gihe numva nipfuza gutakambira abari bahagarariye ubuserukizi ndababwira nti: 'Uyu ni umugore wanje, sinoshobora kumusiga hamwe n'abana banje.' Ariko sinabishoboye", niko yabwiye BBC.

Imodoka narimwo yaciye ihaguruka irarenga, nca ntangura kwicuza kuba ngiye ntamubwiye nti 'nturire'.

Amashirahamwe n'imihari birwanya abimukira muri Afrika y'Epfo bivuga ko imyiyerekano yabo yari igenewe gusa abanyamahanga badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko bibemerera kuba muri ico gihugu. Ivyo ni vyo kandi vyashimangiwe na Gayton McKenzie, umushikiranganji w'imico kama wa Afrika y'Epfo, akaba ari n'umukuru w'umwe mu migambwe iri muri reta y'ubumwe.

Yabwiye BBC ati: "Tuvuga ko Afrika y'Epfo yugururiye amarembo abavukanyi bacu bo kuri uyu mugabane. Ariko nibaze mu buryo bwemewe n'amategeko. Baze bafise ivya ngombwa vyabo."

Yamara, Itoro yemeza ko kuba yari afise ivya ngombwa bitamurinze urwanko n'itotezwa. Mbere yareretse BBC ikopi y'urwandiko avuga ko rwemeza ko yari afise uburenganzira bwo kuba muri Afrika y'Epfo.

Nk'uko abategetsi ba Nigeria babivuga, si we wenyene vyashikiye.

Mu nama iherutse guhuza Umushikiranganji wa reta ajejwe imigenderanire ya Nigeria n'ayandi makungu, Sola Enikanolaiye, n'Umushikiranganji w'imigenderanire wa Afrika y'Epfo, Ronald Lamola, Enikanolaiye yavuze ati:

"Turafise ivyemezo vyerekana ko hari Abanya Nigeria bafise ivya ngombwa bibemerera kuba muri Afrika y'Epfo mu buryo bwemewe n'amategeko, ariko na bo nyene baratewe baranahohoterwa."

Icuka cararushirije kuba kibi rwose inyuma y'uko hari umunya Nigeria yishwe igihe abapolisi bariko baramufata bamwagiriza ivyaha bijanye n'ibiyayuramutwe. Ubu, urwo rupfu ruriko ruratohozwa n'urwego rwigenga.

Ronald Lamola yavuze ko Afrika y'Epfo ifatira ingingo abantu bose bihanira. Ariko kandi ashimangira ko Perezida Cyril Ramaphosa " ashimika cane ku burenganzira bwa Afrika y'Epfo bwo gushira mu ngiro amategeko agenga abinjira n'abasohoka".

Ifoto yerekana Emmanuel Asamoah kuva ku mutwe gushika ku bitugu. Ariko aramwenyura kandi yambaye umupira w'ibara ry'umuhondo.
Insiguro y'isanamu, Umunya Gghana Emmanuel Asamoah yakora umwuga wo kumwa imishatsi muri Afrika y'Epfo

N'ubwo habaye utwigoro twinshi mu vya diplomasi, isura nziza ya Afrika y'Epfo ku rwego mpuzamakungu yarahungabanye cane.

Kimwe mu vyabigizemwo uruhara ni amafoto n'amavidewo yakwiragiye ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro. Si yose yari ay'ukuri nk'uko vyavugwa. Ariko hari videwo imwe yerekeye Umunya Ghana yari iy'ukuri. Igihe yatangura gukwiragira muri Ndamukiza (4), yatumye abantu benshi bagira amakenga n'ubwoba.

Igihe Emmanuel Asamoah yava muri Ghana mu mwaka wa 2023 akaja muri Afrika y'Epfo, yari yizeye kuronka amahirwe nk'ayo abimukira benshi barota.

Uwo mugabo w'imyaka 37 akora umwuga wo kumwa yashitse aba i Soweto, ku nkengera z'igisagara ca Johannesburg. Yararonse akazi, yubaka ubuzima bwiwe, akizera ko afise kazoza keza muri kimwe mu bihugu bifise ubutunzi bukomeye muri Afrika.

Ariko, uwo mwizero wabaye ubusa kuva mu ntango z'umwaka wa 2026. Aha, afatira ku gihe yagotwa n'umurwi w'Abanyafrika y'Epfo bamusaba kuva muri ico gihugu vuba. Ivyo vyose vyarafashwe kuri videwo.

Muri iyo videwo, hari umugore yumvikana abwira Asamoah ati: "Uku kuntu muva mu gihugu kimwe mukaza mu kindi… ntibizosubira kwihanganirwa.

"Turiko turabibatomorera neza, ntitubakeneye ngaha. Nimugende mukosore ibibazo biri mu bihugu vyanyu."

Asamoah, yahavuye asubira i Accra, umurwa mukuru wa Ghana, muri Rusama (5). Yabwiye BBC ko ivyamushikiye vyamuteye ubwoba bwinshi.

"Baraje aho ndi batangura kunsunagura… Mu nyuma batangura kumbazagiza no kuntoteza. Bambwiye ngo nsubire iwacu, ngo turiko turonona igihugu cabo, ngo kubera twebwe ntibaronka ico bafungura, kandi ngo turiko tubatwara abakobwa bakundana na bo."

Urugero rw'abadafise akazi muri Afrika y'Epfo - rurenga 30% - rubonwa na bamwe nk'imwe mu mvo zituma icuka kirushiriza kuba kibi. Ivyo ni na vyo vyashimangiwe na Gayton McKenzie.

Ahamagarira abanyamahanga badafise ivya ngombwa kuva muri iki gihugu. Yagize ati: "Nta mugabo ashobora kugaburira abana b'uwundi kandi abiwe bariko bicwa n'inzara. Abanyagihugu bacu barembejwe no kubura akazi."

Umugore ahetse umwana, afise mu minwe uburengeti kandi apfunze igitambara c'ibara ry'ikiremve mu mutwe. Umwana yambaye umupira w'imbeho ufise inkofero igomba kwera. Inyuma yiwe, hari abandi bantu bataboneka neza.

Ahavuye isanamu, Gallo Images via Getty Images)

Insiguro y'isanamu, Nk'uko Ghana na Nigeria vyabigenjeje, na Malawi yarateguye uburyo bwo gufasha abanyagihugu bayo kuva muri Afrika y'Epfo bagasubira iwabo

Ariko Asamoah ashimangira ko yari afise ikidodo muri pasiporo yiwe cerekana ko yari yemerewe kuba muri Afrika y'Epfo.

Avuga ati: "Sinari mu gihugu mu buryo bunyuranye n'amategeko. Nari muri Afrika y'Epfo mu buryo bwemewe n'amategeko. Ni co gituma nababwiye ko bashobora kunjana ku gipolisi, hanyuma tukaja ku biro bijejwe abinjira n'abasohoka kugira bagenzure ivyemeza ko nkiri mu mategeko."

Kuri Asamoah, gusubira iwabo vyabaye intango nshasha atari yiteze.

Abifashijwemwo n'umudandaza w'Umunya Ghana, yaratanguye urudandaza rw'isima, kandi yiyemeje kwubaka kazoza kiwe.

Agira ati: "Bene wacu bari muri Afrika y'Epfo, jewe ubu ndi muri Ghana. Ubu ndiko ndubaka igihugu canje."

Ariko reta ya Ghana iracashavujwe n'ukuntu abanyagihugu bayo bafatwa muri Afrika y'Epfo.

Mu kiganiro yahaye BBC, Umushikiranganji w'imigenderanire wa Ghana, Samuel Okudzeto Ablakwa, yavuze ko ivyo bihushanye n'umwuka w'ubumwe bw'Abanyafrika, kandi ko biterekana ugushimira uruhara ibindi bihugu vya Afrika vyagize mu rugamba rwo kurwanya intwaro y'ivangura (apartheid), yarangiye mu 1994.

Ati: "Afrika y'Epfo yari ikwiye kuba akarorero keza ka 'panafricanisme'. Twama tuvuga ukwiyunga kwa Afrika. Twama tuvuga ukwidegemvya kw'Abanyafrika ... N'ubwo mwoba mufise ikibazo c'abimukira benshi, none uku ni kwo mukwiye kugitorera umuti?"

I Lagos, Richard Itoro aracarajwe ishinga no kuba ari kure y'umuryango wiwe.

Agira ati: "Ntivyoroshe. Ariko turavugana buri musi, kandi umutima wanje waravunitse. Ndacafise umwizero, kuko... umugore wanje azompamvya vuba, Imana niyampa umugisha. Ariko vyaramvunye umutima cane. Numvise meze nk'uwatakaje ibintu vyose."