Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwinshi bw'intererano z'ivyiyumviro vy'abanya Kenya bwarengeye email ya sena
- Umwanditsi, Wycliffe Muia in Nairobi & Damian Zane in London
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Uburyo bwo gutanga ubutumwa kuri e-mail bwari bwashizweho n'inama nkenguzamateka kugira ngo abanyagihugu ba Kenya batange ivyiyumviro vyabo ku nteguro y’itegeko ritavugwako rumwe na bose, bwananiwe kubera ubwinshi bw’abashaka kugira ico barivuzeko.
Mu vyifuzwa guhindura muri iyo nteguro harimwo kwongera ikiringo c’umukuru w’ igihugu, abakuru b’uturere n’abashingamateka, kikava ku myaka itanu kikaja kuri ndwi.
Uwo mugambi wakiranywe agashavu kenshi n’abanyagihugu ba Kenya baciye bahimirizanya bakoresheje imbuga hwaniro.
Inama nkenguzamateka yaronse ubutumwa bugera ku bihumbi amajana abiri (200.000), urugero rw’ubwo umurongo washizweho washobora kwakira ruranengesera, nk’uko vyagaragaye mu butumwa bwo ku rubuga X rw’iyo nteko.
N’ubwo iyo nteguro yatanzwe na Samson Cherargei, umwe mu bakenguzamateka bawo, umugambwe wa perezida William Ruto witandukanije nayo.
Umunyamabanga mukuru wa United Democratic Alliance (UDA), Hassan Omar yari yavuze ko iyo nteguro iteye iseseme kandi isubiza (igihugu) inyuma, nk’uko bivugwa mu kinyamakuru The Nations.
Cherargei we mu gushigikira iyo nteguro, ashingira ku ciyumviro c’uko imyaka indwi izoheza igaha perezida n’abandi akanya gakwiye ko gushikana ivyo biyemeje.
Abanyagihugu bafise kugeza ku munsi wa gatanu kugirango bayitangeko ivyiyumviro.
Amakuru aturuka mu nama nshingamateka, asubirwamwo n’ikinyamakuru The Star yemeza ubutumwa bwarungikwa kuri email n’abanyagihugu bashaka kugira ijambo kuri iyo nteguro, bwakoroka buri musegonda, ibitari bwigere biboneka muri kahise kuronka ivyiyumviro bingana gutyo.
Mu gihe yashimiye abanyagihugu ku vyiyumviro batanze, inama nkenguzamateka yavuze ko kubera urugero runini rw’abarungika ubutumwa, …“uburyo bwa email bwacu buracafise ikibazo”. Yaciye itanga iyindi nzira.
Uretse kwongereza ikiringo, iyo nteguro y’itegeko iteganya no gushiraho ikibanza c’ umushikiranganji wa mbere, no kwongereza amafaranga mu kigega c’ayakoreshwa mu ntwaro.
Umugwi w’inama nkenguzamateka witeguye gukorana kugirango wihweze ivyo vyiyumviro vyatanzwe n’abanyagihugu.
Iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro ije mu gihe abagize inteko zishinga amategeko muri Kenya bashinzwe ijisho cane n’abanyagihugu bakomeza guhangana n’ubuzima buzimvye.
Imyiyerekano yatanguye mu kwezi kwa gatandatu yo kwiyamiriza iduzwa ry’amakori yahavuye ijamwo imigumuko, ihitana abantu batari munsi ya 40.
Perezida yaciye ahindura integuro yiwe, agerageza guhosha icuka cari caduze, mu gushira muri leta yiwe abashikiranganji bavuye mu migambwe itavuga rumwe n’ uwuri ku butegetsi.
Ariko abanya politike barinubwa kandi ikintu ico arico cose kiza kivuga ko kubongera ikiringo ku butegetsi, nticakirwa neza.
Ubu bubaye ubwa kabiri habaye kugerageza guhindura ikiringo c’umukuru w’igihugu ku butegetsi bwa Ruto mu 2022.
Hashize imyaka ibiri, umushingamateka wo mu mugambwe uri ku butegetsi ashatse ko hashirwaho ingingo y'uko abitoza batoba barenza imyaka itarenga 75.
Ariko iyo nteguro ntiyaciye umutaru abanyagihugu baciye bayiyamiriza.
Perezida ubwiwe aramaze kwanka ko incuro umukuru w’igihugu yemerewe kwitoza zikurwaho, ku buryo ashobora kuguma ku butegetsi igihe cose ashoboye gutorwa.
Yavuze ko ivyo ata kamaro bifise kandi ata n’amahirwe ko vyonashoboka.