Zelensky yitezwe i Washington guhura na Trump bagatera igikumu ku masezerano y'amabuye y'agaciro

Donald  Trump na Volodymyr Zelensky

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, James Gregory
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yitezwe i Washington ejo ku wa gatanu kubonana na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngo batere igikumu ku masezerano ajanye no gusangira ubutare bw'ico gihugu, nk'uko Trump abivuga.

Zelensky avuga ko aya masezerano y'izi mpande zibiri ari intangamarara, ko ashaka ayandi masezerano arimwo n'ivyo Amerika yokwiyemeza ku bijanye n'umutekano wa Ukraine kugira ngo ishobore kuzibira ikindi gitero c'Uburusiya.

Ariko Trump avuga ko ata vyo kwiyemeza "birenze... cane", avuga ko ahubwo iyo nshingano ikwiye kuja ku gatwe k'Ubulaya.

Trump asa kandi n'uwakuye ikizigizigi ca Ukraine co kwinjira mu runani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy'Uburengero – kimwe mu bintu Zelensky amaze igihe kirekire yipfuza.

Mw'ijambo yavugiye mu nama nshikiranganji nijoro ku wa gatatu, Trump yavuze ko kuba hari Abanyamerika bazoba bari ku butaka bwa Ukraine kwimba ubutare bwa terres rares bizotuma Ukraine iba mu mutekano.

Avuga ko Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) ikwiye "kwibagira ivyo" kwinjira muri OTAN, agashimangira ibivugwa n'Uburusiya ko ari kimwe mu vyatumye intambara yaduka.

Trump avuga ko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Ukraine n'Uburusiya atari kure cane, aho yabwiye abanyanyamakuru ati: "Tugiye gushika ku masezerano hagati y'Uburusiya na Ukraine kugira ngo bareke kwica abanyagihugu".

Ariko Zelensky avuga ko ari nka hamwe ataco yokwizezwa ku mutekano w'igihugu ciwe ata "masezerano yo guhagarika intambara azobaho, nta kintu na kimwe kizoshoboka, nta na kimwe".

Ati: "Nshaka kuronka inzira ya OTAN canke ikintu gisa n'iki".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uburusiya ntibuhengeshanya kwiyamiriza iciyumviro c'uko Ukraine yokwinjira muri OTAN, ku bwoba bw'uko ingabo za OTAN zohava zisugereza imbibe zabwo.

Mu 2008, uru runani rwavuze ko amaherezo ari uko Ukraine ishobora kuzokwinjira.

Trump avuga ko ingabo z'amahoro za Bulaya zishobora kuzorungikwa muri Ukraine nka kimwe mu biri muri aya masezerano, ariko Uburusiya buvuga ko ibi butabishigikiye.

Hagati aho, intumwa z'ibihugu vya Bulaya ntizatumiwe mu biganiro vya mbere n'Uburusiya vyabereye i Washington.

Avugana na BBC ejo ku wa gatatu, Kaja Kallas ajejwe imigenderanire n'umutekano mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya yavuze ngo "kugira ngo amasezerano ayo ari yo yose ashoboke ku butaka bwa Bulaya, ni ngombwa ko Abanyabulaya na bo nyene bayemera".

Avuga ko amasezerano ku butare araba Ukraine, ariko ko amasezerano ayo ari yo yose y'amahoro "yokenera Abanyabulaya".

Umubonano wari utegekanijwe hagati y'umupfasoni Kallas n'umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio ejo ku wa gatatu warafuswe bukwi na bukwi, impande zompi zikavuga ko wahuriranye n'iyindi mirimo yari itegekanijwe.

Ku bwa Kaja Kallas, amasezerano ayo ari yo yose y'amahoro ku ntambara yo muri Ukraine  "yokenera Abanyabulaya".

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku bwa Kaja Kallas, amasezerano ayo ari yo yose y'amahoro ku ntambara yo muri Ukraine "yokenera Abanyabulaya".

Zelensky avuga ko kugira ngo ano masezerano ku butare ashoboke - reta ikaba yaraye iyemeje ku mugoroba w'ejo ku wa gatatu - bizovana n'ibizoba bivuye mu mubonano wiwe na Trump muri ino ndwi.

Ibintu nyamukuru biri muri ano masezerano ntibirashirwa ku mugaragaro, ariko umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Denys Shmyhal avuga ko itegura "ikigega c'umutahe" wo gusanura Ukraine.

Ibijanye n'amasezerano vyatanguye kuvugwa na Zelensky mu mwaka uheze nk'uburyo bwo guha Amerika imvo igaragara yo kubandanya ishigikira Ukraine.

Ariko ukutumvikana ku bijanye n'ingene yoba ameze kwunyuye icuka kibi hagati ya Trump na Zelensky mu ndwi nkeya ziheze.

Perezida Zelensky yari yanse ivyatanguye gusabwa na Amerika yashaka ko Ukraine iyiha ubutare bufise agaciro k'imiriyaridi 500 z'amadorari y'Abanyamerika, ariko ibinyamakuru bivuga ko iki cahebwe.

Hari kandi n'ukutabona kumwe ano masezerano ubu hagati y'impande zompi. Trump arashima ano "masezerano manini cane" nk'akaryo kuri Amerika ko "kugaruza amahera" yayo ikoresha mu gufasha Ukraine.

Ariko Zelensky ayita ahubwo "umwumvikano shingiro" yizeye ko ushobora kuzokwubakirwako ayandi masezerano.

Trump avuga ko ashaka ko intambara ihagarara vuba muri Ukraine mu gihe kandi arondera kwubaka ubucuti n'Uburusiya. Inyuma y'ikiyago yagiriraniye na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya, aba bategetsi bompi baciye barungika intumwa muri Arabia Sawudite mu biganiro Ukraine itatumiwemwo.

Mu kwishura, Zelensky yagirije Amerika ko iriko ifasha Putin "kwigobotora mw'itaramurwa amazemwo imyaka" hamwe na Trump ko ari "mw'isi y'ibinyoma vy'Uburusiya".

Ukraine ni igihugu gifise ubutunzi kama bwinshi. Kyiv ifata ko hafi 5% "vy'ubutare nyamukuru" bwose kw'isi buri muri iki gihugu. Ariko gushikira amwe muri ano matungo ntikizoba ikintu coroshe cane.

Tumwe mu turere turimwo ubu butare twarigaruriwe n'Uburusiya. Nk'uko bivugwa na Yulia Svyrydenko, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe ubutunzi, ubutare bufise agaciro k'imiriyaridi 350 z'amadorari y'Abanyamerika uno musi buracari mu turere twihagiwe n'Uburusiya.

Bagabisha kandi ko ari ngombwa y'uko Ukraine ibanza gutorera umuti ikibazo cayo c'amamine (ibisasu bitegwa mu kuzimu) ataturitse imbere y'uko igiriranira amasezerano na Amerika.

Bigereranywa ko ica kane c'ubutaka bwa Ukraine cuzuye amamine, cane cane mu buseruko bw'igihugu businzikajwe n'intambara.

Putin avuga kandi ko yiteguye guha Amerika uburenganzira bwo gushikira amabuye y'agaciro adasanzwe, harimwo n'ayo mu turere twa Ukraine twigaruriye n'Uburusiya.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene azogiriranira imibonano na Trump hamwe na Zelensky umw'umwe ukwiwe muri ino ndwi kugira bavugane ku ntambara yo muri Ukraine.

Sir Starmer yitezwe i Washington ku mugoroba w'ejo ku wa gatatu.