Mozambique: inyuma y’amatora, haje amarira
Mozambique: inyuma y’amatora, haje amarira
Yatangajwe
Kuva ukwa 10, bimenyeshejwe ko umugambwe FRELIMO watsinze amatora, igihugu cakwiwemwo imyiyerekano y’abavyiyamiriza.
“Nta nsiguro n’imwe y’uko abana bicwa n’abajejwe umutekano, bari mu myiyerekano, mu mahoro”.
Ibi bivugwa n’abagwanira iteka rya muntu nka HRW.
Biriyamirizwa n’umukuru w’igipolisi we asigura ko abana bagigwa nk’inkinzo y’abatera ivyo yise ‘imigumuko’.
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro nt’izi ko iri bwemeze intsinzi ya FRELIMO -imaze k’ubutegetsi imyaka 50-, canke ko ihamagaza ayandi matora.
Imiryango imaze kwicirwa abayo yo isaba amahoro n’ubutungane.




