Trump: ni gute uwashatse kumwica yamwegereye?

Trump: ni gute uwashatse kumwica yamwegereye?
Yatangajwe

Kuva “hageragejwe iyicwa rya Trump”, nk’uko igipolisi FBI kibivuga, imyiyamamazo n’imvugo vya politike biboneka ko bigiye guhinduka.

K’umugoroba w’uwa 13 – 07 -2024, umusore w’imyaka 20 yaramurashe, urusase rukomeretsa ugutwi kw’iburyo.

Igitangaje ni ingene uwo muntu yashitse hafi y’aho Trump yariko ariyamamariza, mu gihe abiyamamaza baba bacunzwe cane.

Mu masanamu, mw’itosora ry’amasanamu y’ico gihe, ‘BBC Verify’ igisata ciga mw’itsitso amakuru, utahure ivyabaye, n’ibikuru bizokurikira.