Général Bunyoni: 'Nta tegeko ribuza gutunga amafaranga mu nzu' - yiregura kuri kimwe mu vyaha yagirizwa

Yatangajwe

Ku munsi ugira gatatu w’iburanishwa ry’urwo rubanza rw’uwahora ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi, General Alain Guillaume Bunyoni yireguye ku vyaha bibiri.

Umushikirizamanza yamwagirije ko yahungabanije ubutunzi bw’igihugu mu gutunga amafaranga y’agaciro mu nzu iwe no kuyatanga uko yishakiye. Ivyo ngo bigahungabanya urugero rwo kuvunja amafaranga.

Alain Guillaume Bunyoni, ubwiwe, yireguye mu majambo make ashingiye ku ngingo ya 430 y’igitabo mpanavyaha. Yavuze ko ata na hamwe ivuga ko kizira gutunga amafaranga mu nzu. Yavuze ko hari ayo yatunga mu nzu bivanye n’ivyo akeneye kuyakoresha, ayandi akayabika muri banki.

Yireguye kandi ku caha yagirizwa co kuronka inyungu ziciye mu gukoresha ikibanza ciwe c’akazi mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Aho umushikirizamanza amwagiriza ko mu 2019, uwitwa Hyacinthe Niyonkuru - uwo nawe akaba ari umugore wa Bunyoni - yagiraniye amasezerano na reta y’Uburundi yo kumupangira inzu iri ahitwa Sororezo i Bujumbura ku mafaranga angana na miriyoni 15 buri kwezi.

Iyo nzu yakoreramwo ubushikiraganji bw’umutekano, nabwo bukaba bwatwarwa na General Bunyoni nyene, ko rero yabikuramwo inyungu mu gihe inzu yari iy’umuryango wiwe.

Bunyoni yasiguye ko abaserukiye reta muri ayo masezerano bwari ubushikiranganji bubiri: ubw’ibikorwa vya reta n’ubw’ikigega ca reta.

Ubushiikiranganji bw'umutekano yatwara avuga bwahawe aho bukorera gusa, ko ata ruhara muri ayo masezerano bwigeze bugira.

Ku vyaha icenda yagirizwa gushika ku ntahe ya gatatu yari yireguye kuri ndwi, ariko sentare yavuze ko ahejeje kuri vyose.

'Namubwiye ivy'aberetswe n'Imana'

Uwari umukozi w’igendereza Destin Samuel Bapfumukeko yagirizwa ko yamenye amabanga y’akazi mu kuburira Bunyoni ko agira afatwe.

Ngo n'aho Bunyoni amariye kuva iwe akaja kurondera iyo yinyegeza, Bapfumukeko yagirizwa ko yagumye amenyesha Bunyoni ibikorwa vyose biriko biraba vyo kumurondera.

Bapfumukeko yabihakanye avuga ko yari mu kiruhuko ata kuntu yari kumenya iyo dosiye yo gufata Bunyoni kandi atayishinzwe.

Yavuze ko iryo ari irementanya ryakozwe na Emmanuel Ndayiziga, umuyobozi mwishikira mu biro vy'igendereza (SNR). Bapfumukeko yavuze ko we n'uwo mutegetsi bari basanzwe batarabana ryiza.

Intwazangabo mu giporisi Desire Uwamahoro nawe yagirijwe kumena hanze amabanga y’akazi. Ivyo ngo yabikoze mu guhamagara uwitwa Ndekatubane akamubwira ko Bunyoni agira afatwe.

Uwamahoro ntahakana ko yahamagaye Ndekatubane. Ariko avuga ko yamuhamagaye nk’umukozi w’Imana asenga hamwe n’umuryango wa Bunyoni kugira amumenyeshe gusa ko hari abantu bari bahejeje kumubwira ko beretswe n’Inama ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere agira afatwe. Abo bantu ngo bifuza ko hokorwa amasengesho kugira igihugu gikingirwe uwo mutwaro.

Uwamahoro yasavye ko uwo Ndekatubane yokwumvirizwa akavuga uko vyagenze.

Urubanza ruzobandanya ku wa kane hasozerwa imburano nk’uko sentare yavuze.

Ukeneye kumenya ingene Général Alain Guillaume Bonyoni yireguye ku bindi vyaha na kahise k'uwo yamaze imyaka irenga 17 afise ikibanza gikomeye mu nzego z'ubutegetsi, soma izo nkuru ziri aho hasi.