Libya: abantu barenga 10 000 bivugwa ko baburiwe irengero

Libya, yahuye n'amahano kandi cane cane mu gice n'abagitwara batemewe n'amakungu.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Libya, yahuye n'amahano kandi cane cane mu gice n'abagitwara batemewe n'amakungu.
Libya: abantu barenga 10 000 bivugwa ko baburiwe irengero
Yatangajwe

Kuva igihuhusi ‘Daniel’ gihwikiye cane cane ubuseruko bwa Libya, hakurikiye imyuzure.

Uturere nka Derna, Benghazi, Soussa na Al-Marj, ndetse na Misrata, intara y’uburengero, harababaye.

Bije vyunyura ubuzima bw’aba nye Libya imaze imyaka mu ndyane za politike, kuva Colonel Kadhafi atembagajwe, mu 2011.

Insiguro ya video, Libya, havugwa n'imiburiburi abarenga 5 000 bapfuye, kubera imyuzure.