I Bujumbura mu Burundi harabera inama yo ku rwego rwo hejuru kw'iterambere rifatiye ku mugore

Yatangajwe

Mu Burundi mu gisagara ca Bujumbura hatanguye kuri uyu wa mbere ihuriro ryo ku rwego rwo hejuru ry’abakenyezi b’imboneza rigira kane (4ème edition), ry’imisi itatu.

Mu bigiye kuganirwako harimwo ibijanye n’ukuvyara ku rugero, ibijanye n’ingene borwanya gufungura nabi n’ivyerekeye irwirirana ry’abantu.

Iryo huriro ryitabwe n’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu bane: Jeanette Kagame, umukenyezi w’umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Rachel Ruto w’uwa Kenya Mariam Mwinyi wa Zanzibar hamwe rero na Angeline Ndayishiniye w'Uburundi.

Abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu ba Côte d’Ivoire na Guinée Equatoriale barungitse intumwa.

Abandi bitavye ni abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU, Ubumwe bwa Afrika, UNICEF, n’ayandi.

Iri huriro ryatumweko na Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’u Burundi, abicishije mu rwego rw'ibiro vyiwe ruraba iterambere OPDD Burundi.

Ririko ryibanda ahanini ku kwihweza ingene ibihugu abaryitavye bose baturukamwo vyoteza imbere amagara meza, bigahangana n’ingorane zugarije abakenyezi muri rusangi, izijanye no gufungura nabi, igwirirana ry’abantu hamwe n’ibijanye n’ukuvyara ku rugero.

Icivugo ni: “Uruhara rwo gutunganya imvyaro mu muryango nk’inzira ibereye yo gufungura neza no gushigikira iterambere rirama”. Ndayishimiye asigura ko ico civugo bagitoye bafatiye ku kungene irwirirana ry’abantu rihanze isi kandi rikagira ingaruka mbi mw’iterambere ry’ibihugu muri rusangi.

Ku bwiwe, iyo imvyaro zegeranye bituma amagara y’umukenyezi ahungabana. Ngo n’iyo umuryango ugumye waguka, amikoro akaba make, ubukene bugatera ingwara zo gufungura nabi na zo zikaba zironse aho zimenera. Ngo mu miryango haca haraduka indyane z’amatongo n’izindi.