Intambara hagati ya Israel na Hamas: Gaza yasubiye kurara iracucagirwa ibibombe vy’urutavanako

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko cateye ibibanza bishika 400 muri Gaza mu masaha 24 aheze, bivuye kuri 320 catangaje ejo mu kiringo nk’ico nyene.
Mu butumwa yacishije kuri X (yahoze yitwa Twitter), IDF ivuga ko mu bibanza yateye harimwo abarwanyi ba Hamas bariko bitegura gutera ibisasu vya muzinga muri Israel, hamwe n’inzira yo mu kuzimu yifashishwa na Hamas mu kwinjira muri Israel iciye mu kiyaga.
Ivuga kandi ko ibigo bikoreshwa n’intwazangabo zihagarariye intambara hamwe n’ibibanza bibikwamwo ibirwanisho mu misigiti vyakubiswe.
IDF yongerako y’uko “izobandanya ibitero mu ntumbero yo gucungera umutekano n’abasivire b’intungane".
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza butangaza ko abantu 5000 ari bo bamaze kwicwa kuva ku wa 07 Gitugutu (10).
Amerika yanse akamo ko guhagarika intambara
Ubu si igihe nyaco co guhagarika intambara hagati ya Israel na Hamas, niko bivugwa n’abategetsi bo hejuru mu biro vy’umukuru w’igihugu no mu bushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika.
Ejo ku wa mbere, umuvugizi w’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, John Kirby , yabwiye abanyamakuru ati: "Ntabwo twizeye ko iki ari co gihe nyaco co guhagarika intambara.
"Israel ifise uburenganzira bwo kwivuna. Iracafise igikorwa kinini co guhiga abategetsi ba Hamas".
Mu kindi kiganiro n’abanyamakuru, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire Mathew Miller yongeyeko ati: “Kuri iki kibazo, ico tuzobandanya dukora ni ukwitaho gushikana imfashanyo muri Gaza”.
Miller yongerako y’uko intumwa ya Amerika yagenywe kugira ngo ikurikirane ino ntambara, David Satterfield, ariko “arakora adahengeshanya kugira ngo ashireho uburyo bubandanya bwo gutanga imfashanyo, kandi turiko turakora kugira ngo dushireho ibibanza bitekanye kugira ngo abasivire bashobore gukingirwa umutekano, hagati muri Gaza”.
Hamas yarekuye abagore babiri mu bantu barenga 220 yanyuruje

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho, videwo y’ishami rya gisirikare rya Hamas, al-Qassam Brigades, yerekanye abasivire babiri Nurit Cooper na Yocheved Lifshitz barekurwa ejo ku wa mbere, inyuma y’ibiganiro vyahagarariwe na Misiri hamwe na Qatar.
Aba batamakazi babiri baboneka bashikirizwa abaserukira ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi, Croix Rouge mu mwijima.
Bari mu banyurujwe mu gitero ca Hamas co ku wa 07 Gitugutu muri Israel aho igisirikare c’iki gihugu catangaje ko barenga 220 gushika ubu.
Obama: Uburyo Israel irwana intambara birakwiye kwitabwaho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Barack Obama yahoze arongoye Amerika yanditse inkuru aho ashikiriza ivyiyumviro vyiwe ku kungene Israel iriko irakora mu gusambura Hamas, hamwe n’utwigoro twa Amerika mu rwego rw’imigenderanire muri ako karere.
Atangura avuga ko Biden – yahoze mu butegetsi bwiwe nk’icegera c’umukuru w’igihugu - yagize neza mu gutangaza ko Amerika “yifatanije” n’abanyagihugu ba Israel inyuma y’igitero kibabaje ca Hamas.
Ati: "Ndashigikiye cane akamo ka Perezida Biden kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko gushigikira incuti yacu ya kera mu guhiga Hamas, mu gusambura ubushobozi bwayo bwa gisirikare".
Abadanya agira ati: "Ariko n’aho dushigikiye Israel, ni ngombwa ko twerekana neza ko turajwe ishinga n’ingene Israel iriko irarwanya Hamas".
Yandika ko uburongozi bwa Hamas "busa n’ubushaka kwinyegeza mu basivire n’ibigirankana, ibi bigashira mu kaga aba banyagihugu nyene ivuga ko iserukira" agashimangira ko Israel itegerezwa gukora uko ishoboye kwose ikirinda kugirira nabi abasivire ba Palestina.
Ati: "Amayeri yose ya gisirikare yirengagije ingaruka mbi ku banyagihugu birangira agize ingaruka".
Obama asaba kandi ko izindi mfashanyo zokwemererwa kwinjira muri Gaza, akavuga ko ibihugu vy’Abarabu biriko birakora mu ntumbero yo kunagura imigenderanire na Israel bitegerezwa gukora birondera ingene abanyagihugu bo muri Gaza na Cisjordanie/West Bank bogira igihugu cabo ca Palestina”.
Macron nawe yashitse muri Israel kubonana na Netanyahu
Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yashitse ku kibuga c’indege Ben Gurion muri Israel, akaba yiteze kubonana n’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu uno musi.
Intumbero y’uru rugendo ni ukwerekana ko Ubufaransa buri kumwe na Israel, ukurondera ingene impfungwa zikiri mu minwe ya Hamas zorekurwa, hamwe n’ukurondera ko ibintu bitoyangara muri izi ndyane, nk’uko abahanuzi biwe babibwiye itororokanirizo ry’amakuru, Reuters.
Macron azobonana kandi n’umukuru w’igihugu ca Israel, Isaac Herzog, abakuru b’abanyaporitike bahagaze hagati na hagati (Centrists) Benny Gantz na Yair Lapid bo ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’abari ku butegetsi.









