Congo-Masisi: Gusubiranamwo kwa Wazalendo kwatumye abarenga ibihumbi 10 bahunga
Muri Republika ya Demokarasi ya Congo, abanyagihugu bo mu duce twa Gikoma na Gatobi muri territoire ya Masisi mu ntara ya Kivu ya ruguru bongeye kudurumbanywa n'indyane ziri hagati y'imigwi APCLS na Nyatura, yompi yiyita Wazalendo.
Iyo migwi yahora isenyera ku mugozi umwe mu gufasha ingabo za leta kurwanya M23, yasubiranyemwo bituma abanyagihugu barimwo abo muri Gikoma Centre bagera ku bihumbi cumi bata ingo zabo.
Abariko barahunga ubu baja kwiyongera ku bandi banyagihugu bari mu makambi yo hafi ya Goma, ari yo Bulengo, na Rusayu ya 1 n’iya 2, barenga ibihumbi mirongo itanu.
Florentine Kwizera yavuganye na Jean Bosco Sebishyimbo, yahoze mu bashingamateka b'intara akaba kandi aturuka aho muri Masisi, amubaza uko hifashe ubu (umva ico kiganiro aho hejuru).

Ahavuye isanamu, Getty Images