“Nkiri umwana, sinashoboye kwiga, naja kurima”

“Nkiri umwana, sinashoboye kwiga, naja kurima”
Yatangajwe

Iri shule ryigisha abasaza b’i Punjab muri India, ryatanguriye ahasomerwa ibitabu.

Mahinder Singh, umutama w’umunyeshule, avuga ko imbere, atashobora guharura kurenza 20.

Jaswinder Kaur w'imyaka 75 we, ni umutamakazi atari yarigeze aja ku ntebe y’ishule:

“Nari naripfuje kwiga gusoma no kwandika, ‘gusinya’ n’izina ryanje, atari igikumu gusa”.

Abo basaza 80 bigira mu vyumba bibiri vy’iryo shule.