Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwafashije gushinga al-Shabab yiciwe mu gitero muri Somalia
Leta ya Somalia yatangaje ko uwafashije gushinga akaba no mu barongozi bakuru ba al-Shabab, Abdullahi Nadir, yiciwe mu gitero co kuwa gatandatu mu ntara ya Middle Jubba iri mu bumanuko.
Ubushikiranganji bwa Somalia bujejwe kumenyesha amakuru bwavuze yuko Nadir yari umukuru w’urwego rujejwe amatwara y’idini muri al-Shaba, kandi akaba yari yarashiriweko imiriyoni $3 z’igihembo ku wotanga amakuru y’aho aherereye.
Ubwo bushikiranganji bwongeyeko yuko Nadir yafatwa nk’uwushobora kuzosubirira umurongozi ariho ubu, Omar Diriye – azwi kandi nka Abu Ubaidah – mu gihe haciye igihe bivugwa yuko “aremvye”.
Ibitangazamakuru vyigenga vyavuze yuko Nadir yiciwe mu gitero c’indege itajamwo umudereva – drone.
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga
Ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru bwavuze kandi yuko abajejwe umutekano ba Somalia hamwe n’abo bakorana mpuzamakungu biciye Nadir mu gikorwa ca gisirikare, ariko ntibwavuze ivy’igitero ca drone.
Ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika ku mugabane wa Afrika, bukunze kugaba ibitero ku bayobozi ba al-Shabab hamwe no ku birindiro vyavyo, ntaco buravuga kuri ivyo biheruka kuba.