Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: De Jong, Werner, Fofana, Barnes, Firmino, Gueye

Frenkie de Jong

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Frenkie de Jong
Yatangajwe

Chelsea igiye kurondera umukinyi akina hagati wa Barcelona umunya-Hollande Frenkie de Jong w’imyaka 25, kandi mu gihe yoramuka avuye Nou Camp, uyu murwi wo muri Espagne ushobora guca urondera umukinyi wo hagati wa Manchester City, umunya-Portugal Bernardo Silva w’imyaka 27. (Sport – mu ki Espagnol)

Umumenyereza wa Barcelona  Xavi avuga ko atazi nimba De Jong, asanzwe aronderwa cane na Manchester United, azoguma muri uyo murwi w’ihiganwa ry’umupira w’amaguru rya Espagne, La Liga, muri rino ci. (Metro)

Chelsea iriko iragerageza kurondera umukinyi w’inyuma wa Leicester City umufaransa Wesley Fofana w’imyaka 21,hamwe n’umunya-Hollande akina inyuma na we nyene Denzel Dumfries w’imyaka 26 asanzwe akinira  Inter Milan. (Athletic).

Chelsea yemeye guha Real Madrid yo muri Espagne umusatirizi w’umudagi Timo Werner  w’imyaka 26. (Marca)

Timo Werner

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Timo Werner

Newcastle United iriko irakurikirana umukinyi wo ku ruhande wa Leicester City umwongereza Harvey Barnes w’imyaka 24, inyuma y’aho uyu murwi uzwi nka Foxes wankiye igiciro yari yemeye gutanga kuri mugenziwe James Maddison w’imyaka 25 akina hagati. (Mail)

Umusatirizi wa Liverpool Roberto Firmino araronderwa na Juventus ariko uyu munya-Brezili w’imyaka 30 avuga ko yipfuza kwigumira i Anfield. (Liverpool Echo)

Umukinyi w’inyuma, umunya-Hollande Virgil van Dijk w’imyaka 31 avuga ko mugenziwe bakinana muri Liverpool, Mohamed Salah w’imyaka 30 ashobora kuba yaragizweko ingaruka n’ibiganiro ku vyerekeye amasezerano yiwe mu mwaka w’inkino uheze, ariko ko ubu “akina ata bibazo biri mu mutwe” inyuma yo gutera igikumu ku masezerano mashasha. (Liverpool Echo)

Everton irabandanya ibiganiro na Paris St-Germain mu ntumbero yo guheraheza amasezerano azotuma umunya-Senegal akina hagati Idrissa Gueye w'imyaka 32, asubira muri Goodison Park. (Times)

Idrissa Gueye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Idrissa Gueye

Manchester United iriko iraraba ingene yoronka umusatirizi wa Stuttgart umunya-Autriche Sasa Kalajdzic w’imyaka 25, be n’umunya Slovenia Benjamin Sesko w’imyaka 19 akina imbere muri Red Bull Salzburg, mu gihe kazoza ka Cristiano Ronaldo i Old Trafford kadatomoye. (Mail)

Umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu muri RB Leipzig Angelino w’imyaka 25, ni we ashobora kuvuvudukirwa na Barcelona mu gihe yonanirwa no kugura mugenziwe wa Espagne Marcos Alonso w’imyaka 31 asanzwe akinira Chelsea. (Sport – muki Espagnol)

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Bayern Munich Oliver Kahn yari aherutse kuvuga ko umusatirizi wa Tottenham umwongereza Harry Kane yari "indoto ya kazoza ", avuga ko uyu murwi wo mu Budagi ata mugambi ufise wo kugura uyu musatirizi. (90 Min)

Roma yarondeye umusatirizi w’umutaliyano Andrea Belotti w’imyaka 28, asanzwe yirebanga inyuma yo kuva muri Turin/Torino muri rino ci. (Football Italia)