Amoko mu nzego z'u Burundi: Inama nkenguzamateka iriga nimba bigikenewe kuyisunga
Inama nkenguzamateka y'u Burundi uno munsi yatanguye igikorwa co kwihweza nimba bikiri ngombwa gukurikiza ibitigiri bigenwa n'ibwirizwa shingiro bijanye no gusangira ubutegetsi hagati y'amoko, mu nzengo z'ubutungane, inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Ibi biharuro bituruka mu masezerano ya Arusha, ibwirizwa nshingiro rya 2018 ritegekanya ko inyuma y'imyaka itanu biheza bikihwezwa nimba bikiri ngombwa.
Florentine Kwizera yabajije icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nkenguzamateka impamvu muri ico gikorwa, bategerezwa guheraheza imbere yo kurangiza ikiringo barimwo kizohera mu 2025, bibanda kuri izo nzego 3 gusa kandi atari ho honyene ivyo biharuro vy'amoko bivugwa.
Fabrice Nkurunziza yasiguye ko ivyo bariko barakora ari uko biteganijwe mu ngingo ya 289 y'ibwirizwa shingiro (umvuriza aho hejuru izindi nsiguro mu kiganiro bagiranye).

Ahavuye isanamu, Getty Images