Mu buryo butari bwitezwe, Ortega yabaye intwari yugururira Man City inzira y'iteka ntagereranywa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City yahabonye umuntu itari yiteze ko yari kuyibera intwari maze atanga intererano ikomeye mu rugamba rwo kurwanira igikombe ku ncuro ya kane yikurikiranya, ibintu bitarigera bibaho na rimwe muri Premier League.
Pep Guardiola vyabaye ngombwa ko afata ingingo yo gusubiriza umunyegori Ederson mu gice ca kabiri c’urukino, ico gihe City yari imbere kuri 1-0, inyuma y’aho akomerekeye asekanye n’umukinyi w’inyuma wa Tottenham, Cristian Romero.
Nubwo yari afise ikibazo ku jisho, Ederson yabonetse ko atashimye iyi ngingo yafashwe na Pep ku mpanuro yari ahawe n’umuganga w’uno murwi.
Hagati aho, ino ngingo yarakengurutswe, atari gusa ko yafashwe ku neza y’uno munyegori wa Brezili, ariko kandi kubera Pep yari yizeye cane uwari amusubiriye, Stefan Ortega.
Mu minota 21 yamaze mu kibuga akaherekanira ubuhinga bukomeye, Ortega – umunyegori yamye yitwara neza cane igihe cose yasubirira Ederson muri uno mwaka w’inkino – ashobora kuba yaciye inzira y’igikombe ca City kigira gatandatu muri Premier League (ihiganwa ry’Ubwongereza) mu myaka indwi gusa y’inkino.
Igihe ifirimbi ya nyuma ivuga - kandi uno murwi usigaje gutsinda urukino rumwe gusa kugira ngo usubire gutahukana iri higanwa - Guardiola yaciye atera aja guhobera uno Mudagi Ortega aramusoma kw’itama kubera igikorwa kidasanzwe yerekanye muri iyo minota mike. Koko vyari bikwiye.
Guardiola ntiyariye umunwa mu gukeza umunyegori wiwe, aho avuga ati: "Ortega ni umunyegori w’igihangange kw’isi. Umunyegori adasanzwe, adasanzwe koko. Ederson ntiyababaye mu mutwe, yari afise ikibazo c’ijisho. Ntiyari kubona neza, ni naco gituma umuganga yavuze ko vyari ngombwa ko ndamuhindura".
Aba-Spurs (abakinyi ba Tottenham) barashinyaguriza abagerageza kubahumuriza, babereka ko ata ngorane n’aho batsinzwe, bafatiye ku kungene intsinzi yabo yari kuba ihaye akaryo abakeba babo ruhebwa, Arsenal, ko gutahukana igikombe ca Premier League ubwa mbere mu myaka 20.
Uno murwi wa Ange Postecoglou, uza mu kibanza ca gatanu, ntaco utakoze kugira ngo urabe ko woronka igitsindo kuko wari mu rugamba rwo kurondera ikibanza mw’ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des champions/Champions League), kandi baraburabuje City uko bikwiye.
Vyarangiye batashe nk’uwuvuye kuragirira inarume kuko ugutsindwa kwabo kwaciye gutuma Aston Villa itahukana ikibanza ca kane muri Premier League kiyugururira imiryango iyishikana mw’iri higanwa rya mbere rya Bulaya hagati y’imirwi.
Intererano ya Ortega ntiyatevye kwibonekeza, mu kuzibira umu-Spur Dejan Kulusevski yari agiye kwinjiza igitsindo, haciye akanya gato asubira kuzibira uyo mukinyi nyene yagomba akore mu jisho City yaboneka ko itari yitwaye neza cane.
Igihe gikomeye cabonetse mu minota ya nyuma y’urukino, aho ku munota wa 85 Son Heung-min yafashe umupira, arengana abakinyi b’inyuma ba City asigara ari imbere y’umunyegori Ortega, ariko biranka ko atsinda kugira ngo agombore igitsindo kimwe City yari imaze kubatera, igitsindo cinjijwe na Haaland ku munota wa 51. Ni gake Son ahusha akaryo nk’aka mu gihe cose amaze akinira aba-Spurs.
Ortega yaragumije umutima mu nda, ararindira Son maze azibira umupira n’ukuguru kw’i buryo, gutyo City iba igumije amahirwe yayo yo gutahukana iyindi ntsinzi ya Premier League.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ivy’aba-Spurs vyagiye kurangira igihe Erling Haaland yiyongeye igitsindo ca kabiri kuri penalty (wa mupira utererwa ku metero 11 imbere y’igori), igitsindo cagize 38 mu vyo amaze gutsinda muri uno mwaka w’inkino.
City isigaje guhangana na West Ham United kuri Etihad Stadium (ikibuga ca City) mu rukino rwa nyuma rw’uno mwaka ku wa Mungu, maze ice iterura igikombe iramutse irutsinze. Izoba ibaye umurwi wa mbere muri kahise k’iri higanwa ry’Ubwongereza uzoba uritsindiye incuro zine zose wikurikiranya.
Nubwo uno mwaka utabaye mwiza cane kuri we ugereranije n’umwaka uheze, Haaland ashobora kuvugwa cane mu binyamakuru, ariko Ortega na we arafata ikibanza ca mbere. Yamaze umwanya muto mu kibuga, ariko yakoze ibintu bidasanzwe canke mbere vyuguruye inzira y’iteka ku murwi wiwe.
Kuva City itsinzwe na Aston Villa mu kw’icumi na kabiri, ntirigera isubira gutsindwa na rimwe mu nkino 22 za Premier League, aho yatsinze 18, inganya muri zine, muri uru rugendo rwabo rw’incamugongo kuri Arsenal.
Arsenal yari ihanze amaso cane uru rukino rwa nijoro, kuko iyo City itsindwa, yaba ari amahirwe menshi kuri aba ba-Gunners yo gutahukana Premier League kuko bari basanzwe bafise icizere co gutsinda urukino rwa nyuma bazokina na Everton ku kibuga cabo Emirates Stadium ku wa Mungu.
Nubwo Arsenal na Tottenham ari abakeba, aba-Gunners, baba abakinyi canke abafana, bari bashigikiye aba-Spurs mu rukino rwa nijoro.
Inyuma yo gutsinda Manchester United ku wa Mungu, Kai Havertz, umusatirizi wa Arsenal, yagize ati: “Nzoba ndi umufana akomeye cane wa Tottenham. Twese niko tuzoba tumeze., Twizere ko bizogenda neza”.
Aho iri higanwa rigeze, vyari kuba ari ibintu bitangaje mbere bikaba incamugongo ku bafana ba City ari nka hamwe yari gutsitara muri uru rukino rwa nijoro - ku ruhande runini Ortega akaba ari we bakesha intsinzi.










