De Bruyne yiteze kuguma muri Man City; Luis Diaz na Arcantara muri Barcelona? Ni mu yavugwa mu mupira w'amaguru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wo hagati Kevin de Bruyne yiteze kwongereza ikiringo c'amasezerano yiwe muri Manchester City, nubwo abahanuzi b'uno Mubirigi w'imyaka 32 bari mu biganiro n'imirwi yo muri Arabia Sawudite. (Mirror)
Umukuru w'igisata ca Barcelona kijejwe kwinonora imitsi Deco aripfuza cane umukinyi wo ku ruhande wa Liverpool, Luis Diaz kandi uno murwi wo muri Espagne ushobora kuzogurisha umusatirizi wayo wa Brezili Raphinha kugira ngo wegeranye amahera yo kugura uyu munya-Colombia w'imyaka 27. (AS - mu ki-espagnol)
Umurwizatunga Sir Jim Ratcliffe afise umutahe muto muri Manchester United yanse kwishura igihe yabazwa nimba umumenyereza Erik ten Hag azobandanya amenyereza uno murwi inyuma y'aho utsindiye Manchester City mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca FA. (Mail)
Umusatirizi w'Ubwongereza Jarrod Bowen w'imyaka 27 aripfuza kubandanya akinira West Ham nubwo Newcastle United iriko iramurondera. (Mirror)
Uruhande rw'umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Emile Smith Rowe w'imyaka 23 rugiye gutangura ibiganiro na Arsenal kuri kazoza kiwe muri uno murwi inyuma y'umwaka w'inkino urangiye wa 2023-24 ahawe amahirwe make yo gukina. (CaughtOffside)
Barcelona wavuganye n'umukinyi wo hagati wa Espagne Thiago Alcantara w'imyaka 33 yiteze gusezera muri Liverpool igihe amasezerano yiwe azoba arangiye ku wa 30 Rusama (6), aho yoba umukinyi akongera akaba icegera c'umumenyereza (joueur-assistant) mushasha yitezwe muri uwo murwi Hansi Flick. (AS - mu ki-espagnol)
Umukinyi wo hagati wa Manchester United, umunya-Danemark Christian Eriksen w'imyaka 32 ashobora guhabwa amahirwe yo gusubira muri Ajax muri rino ci, ariko bizoba ngombwa ko arindira ingingo ya nyuma kuri kazoza ka Erik ten Hag. (Sun on Sunday)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paris St-Germain yemeye ko ishobora gutanga imiriyoni 100 z'ama-euro ku musatirizi wa Georgia Khvicha Kvaratskhelia, mu gihe uno mukinyi w'imyaka 23 n'umurwi wiwe wa Napoli batarashobora gushika ku mwumvikano w'amasezerano mashasha. (Gazzetta dello Sport - mu gitaliyano)
PSG ifise ubwoba ko yenuriwe n'imirwi ya Liverpool, Manchester United na Real Madrid mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Lille Umufaransa Leny Yoro w'imyaka 18, amasezerano yiwe akaba azorangira mu mpera z'umwaka w'inkino uza wa 2024-25. (L'Equipe - mu gifaransa)
Napoli iriko iravugana na Antonio Conte kugira ngo irabe ko uno yahoze amenyereza Tottenham na Chelsea yoyibera umumenyereza mushasha. (Sky Sports Italia)
Manchester United iri imbere mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Port Vale Baylee Dipepa w'imyaka 17. Uno Mwongereza ariko kandi aronderwa na Newcastle United, West Ham, RB Leipzig, Borussia Dortmund na Aston Villa. (Mail)
Newcastle iriko iraraba ingene yoronka abakinyi b'inyuma b'Abongereza kuri gusa - Lloyd Kelly w'imyaka 25 akinira Bournemouth, hamwe na Tosin Adarabioyo w'imyaka 26 akinira Fulham. (Football Insider)
Aston Villa yashize igiciro kiri hagati y'imiriyoni 6 na 8 z'amapawundi ku mukinyi wo hagati wa Brezili Philippe Coutinho w'imyaka 31, ariko ishobora kandi no kwemera kumutiza. (Rudy Galetti)
Leicester City iriko irihweza nimba yogura umukinyi w'inyuma wa Feyenoord na Slovakia David Hancko w'imyaka 26, mu gihe iriko yitegura gusubira muri Premier League (ihiganwa ry'Ubwongereza) mu mwaka w'inkino uza. (Mail)
Umukinyi w'inyuma wa Espagne Lucas Vazquez w'imyaka 32, ariko ashobora gukina no ku ruhande, ari hafi yo gushika ku mwumvikano wo kwongereza ikiringo c'amasezerano afitaniye na Real Madrid, amasezerano ashobora kumuha akaryo ko kubandanya akinira uno murwi gushika nibura muri Ruhesti (6) 2025. (Marca)










